Igurwa be n’igurishwa ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu gihugu c’Ububirigi: ibisata bitatu (3) bibikora mu bwizigirwa.

Asangwa muba mu gihugu c’Ububirigi, muramaze kwibaza ikibazo c’ukuntu mwogura ya Bitcoin canke ayandi mahera yose yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu Bubirigi.  Kuri ivyo  bisata ko ubanza kumenya ibisata bisanzwe bibikora bisanzwe vyoroshe gukoresha ku bantu bu burambe buke bisanzwe bikorera mu Bubirigi. Ibizwi  cane ni bitatu (3).

Igisata ca mbere kizwi cane ni Bit 4 you. Ni igisata co mu Bubirigi camahera ya Bitcoin hamwe n’ayandi mahera. Ico gisata cashinzwe n’abanyamitahe babiri (2) b’Ababirigi bitwa Sacha Vandamme na Marc Toledo caranzwe n’amateka menshi kuva kigishingwa mu Bubirigi. Cararengeje abanywanyi ibihumbi cumi (10.000) kiragira amateka akomeye kumugabane w’uburaya bwose nk’igisata gikomeye cane mu kugura amahera yo ku buhinga ngurukanabumenyi. Ayo mateka asigurwa n’imvo nyinshi. Hano turaja kuvugamwo zimwe zimwe.

Ubwa mbere Bit 4 you ni igisata coroshe gukoresha no ku bantu b’uburambe buke. Ico gisata kiroroshe kwandikisha isoko, urashobora kwiyandikisha uciye ku gakoresho bita itsme gafasha nko mu kuriha amahera uciye kw’ikarata bita Bancontact ibidashoboka mu bindi bisata bikora nk’ivyo. Ico gisata gikora cisunze ibijanye n’amakori mu Bubirigi ku mahera ngurukana bumenyi. Nta mahera yo kuvunja urihishwa uriha ayo kubitsa gusa, ibitazwi cane i Buraya. Ico gisata gishigikiwe n’imitahe be n’abantu gikorana n’urutonde rw’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yizewe kandi atanga umusaruro. Bit 4 you irafise kandi ububiko bita démo,  kugira ngo yimenyereze ivyo guhanahana amahera bidashize umutahe muri hange. Ivyo vyose bituma n’abatamenyereye ubwo buhinga mu Bubirigi, baraheza bagakoresha ico gisata Bit 4 you atangorane.

Amahera nyamukuru ari ku muhora w’ico gisata ni Bitcoin, Ethereum, chainlink, X R P, Cardano , polkadot, Monero , Bitcoincash, Zcash n’izindi.

Ikindi gisata kigira kabiri coroshe gukoresha mbere no ku bagitangura n’icitwa Coinbase, ni umuhora rurangiranwa kw’isi mu bijanye n’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Coinbase iremerera kandi n’abasanzwe basavye indaro mu Bubirigi. Ico gisata kirorohereza cane abagitangura. Ni igisata cizewe kandi gikora neza kw’isi. Twogereranya ico gisata ni Banki nkuru y’amahera ngurukana bumenyi. Biroroshe gukoresha ico gisata nka kumwe twavuga kuri Bit4 you ni amahera ari ku rutonde rw’ayakorana n’ico gisata arabigaragaza. Si amahera menshi akorana n’ico gisata, ariko arakwiye ku batangura gukoresha ubwo buhinga. Ibiciro bigeraranye kw’isoko kandi hari ubuhinga bwinshi bwo kuriha uri mu Bubirigi twotanga akarorero ka PayPal. Hariho kandi ikindi gisata twita Sissborg. Ubwo buhinga bwamuka mu gihugu ca Suisse buroroshe kw’isi kandi n’abatangura buraborohera, ikoreshwa ryabwo riroroshe cane. Ubwo buhinga bwashizweho nk’inzira yo kuziganya ayo mahera , ivyo bica bituma ubwo buhinga bugira ico bwisangije ukuntu bukora. Twovuga nka staking y’urubuga Blockchain, Ethereum avyara inyungu ku mahera asanzwe ayegukira. Iki gisata na co nyene amahera asanzwe acegukira si menshi, urutonde ni rugufi ariko ayakorana n’ico gisata yose arerekana umusaruro mwiza.

Twomenya kandi ko ubwo buhinga bwa  Suissborg bufise amahera bwite yabwo azwi kw’izina rya CHSB afise ubushobozi bwo gutera imbere buhambaye muri iki gihe. Twovuga kandi ko ico gisata ca  Suissborgn gitanga muntunganyo yaco y’ubuhetsi, uturusho tuva kw’ifaranga rimwe (1) ry’abanyaburaya gushika kw’ijana kikayaguha mu ma Bitcoin mu gihe wiyandikishije. Uba ufise amahitamwo menshi, urashobora kuba umuhetsi w’abagenzi bawe canke umuryango, ugaheza ukaronka uturusho umusi batangura kubitsa amahera.

Uguhanahana amakuru kw’ama Banki n’ubwo buhinga bwo muri Suisse bimeze neza na canecane ko ibijanye no guharura amahera k’ubwo buhinga n’ama Banki bizwi neza kandi bikora ata gasembwa. Kubakoresha ubwo buhinga benshi, birashika kenshi kurungika amahera avuye muri Banki nka KCB bitwara iminota itarenga ibiri (2 min). Nta nabi muravyumva?

Kugira tugaruke kuri ca kibazo twibaza mu ntango co kumenya gute canke hehe twoshobora kugurira ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu Bubirigi. Dukoresheje ikarata ya Banki, ikarata yo gufatirako ideni be na bancontact turashobora kuronka ayo mahera mu Bubirigi. Igikenewe n’ukuhagabira mu gutora igisata cizewe kugira umuntu ntiyibwe. Birashoboka kandi kugura ayo mahera hakoreshejwe Paypal, urashobora kugura canke kugurisha ayo mahera mu gufatanya ububiko bwawe n’ibisata bitandukanye. Igisata ca Coinbase kiratanga uburyo butandukanye mu gutora amahera ukoresheje Paypal.

Ubundi buryo bwo kugura amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ni ku mbuga zo kuvunja amahera. Imbuga zo kuvunja amahera zirafasha kugura ayo mahera ukoresheje aya mahera tumenyereye (ama nyaburaya, amadorari ,….) canke ukavunja ukoresheje ayandi mahera ugaheza ukagura Bitcoin, Ethereum canke ayandi mahera.

Mu Bubirigi kugura ama Bitcoin birashoboka ukoresheje umuhora w’urubuga canke ukoresheje icuma kiyatanga. Ububirigi burimwo ivyuma biyatanga bishika mirongo ibiri (20). Hariho ivyuma bine (4) i Buruseri, i Gante na Anvers bitandatu bitandatu (6) hamwe n’icuma kimwe i Liège na Hasselt.

Amategeko agenga ivyo vyuma bitanga amahera mu Bubirigi ntatomoye kandi yama ariko arahindagurika. Kugira ugure canke udandaze ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu mutekano, vyoba vyiza uciye ku rubuga ruzwi.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N