CHATGPT, Igishushanyo nyabwenge muri kazoza

Murazi ChatGPT? Sanga ubizi ni vyiza, utabizi naho reka tugerageze kuvyiga mu majambo make, kuko ubu ico gishushanyo nyabwenge kigezweho muri ino misi. ChatGPT si ikindi kintu, ni igishushanyo gishobora kwishura ibibazo vyose kibajijwe mu ndimi nyinshi. Ikibazo umuntu yibaza nico kumenya ko ico gishushanyo nyabwenge umusi umwe kizoshobora gutangura kuvugisha umuntu ngo kimuyagishe ? Ivyo ntibiraba aho gitangura kuvugisha umuntu.

Mu kinyamakuru gikorera ku muhora ngurukana bumenyi UNION dusomamwo ko ChatGPT yakozwe kugira yandike ariko itavuga. Ni uburyo bwo kuvuga bwiyumviriwe na open AI, vyumvikane ko itavuga mu ndimi uko tubizi. Igikorwa c’ivyo bishushanyo n’ukwandika ibisomwa gisabwe n’abagikoresha mu gihe bacikozeko. Ku bwabakoresha ivyo bishushanyo nyabwenge babajijwe n’ikinyamakuru UNION baremeza ko hariho akarusho ku bijanye n’indimi, nk’ikinyespanye, igitariyano, ikidagi, igikoreya, ikiyapani ,…..

Ivyo bishushanyo nyabwenge birashobora gukoreshwa na bose kandi kuri gusa, kugikoresha biroroshe cane, bisaba kukibaza ibibazo vyanditse, naco kikishura mu mungane yubatse neza. Ico gishushanyo kirashobora kwandika ivyese kikanabikina. Kugira ushobore gukoresha ChatGPT, utegerezwa kuja ku rubuga rwa open AI ( ni ishirahamwe ry’abanyamerika) hanyuma ugafyonda kuri TryCHATGPT urwo rubuga ruca rugusaba kurwinjiramwo , ugatanga umwidondoro wawe log in umuhora wawe ( adresse email) hamwe n’ibiharuro kabanga vy’uwo muhora wawe, ntakirenga Aho.  N’ubwo uwo muhora uri mu congereza, uroroshe gukoresha.

Ntitwokwibagira ko rimwe na rimwe urwo rubuga rushobora kuzura rukarengegwa kubera ivyo bishushanyo nyabwenge bigezweho, bisigaye bihurumbirwa, abantu benshi usanga bagiriye ku murongo rimwe. Muri ico gihe haca haza ubutumwa buvuga buti: ChatGPT is at capacity Right now. Muri ico gihe bisaba kuja ku rubuga uwundi mwanya.

Kugira utahure uko ChatGPT ikora, bisaba ko winjira mu buhinga ikozwemwo ugaca no kuwayikoze. ChatGPT yatejwe imbere yongera ikoreshwa n’ishirahamwe open AI risanzwe rifise icicaro muri San Francisco muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ikigo gisanzwe giteye imbere cane muri ubwo buhinga bw’ibishushanyo nyabwenge.

Nk’uko bivugwa n’urubuga wikipédia, intumbero y’ico kigo n’uguteza imbere ubwo buhinga bw’ibishushanyo nyabwenge bimeze nk’abantu. Sinzi neza ico bisigura ubwenge nshushanyo, bwiyumvira nk’abantu ariko nibaza aho ngeza , ko ari ubwenge bwegereye ubwo abantu. N’ukuvuga ko ChatGPT caramenyerejwe ubwoko bw’ibisomwa butari buke, tudasize inyuma ibimenyesha makuru ku nkuru zimwe zimwe zavyo , ibitabo vyo gusoma, ivyese nk’uko twari twabivuze, amareresi hamwe n’ibiganiro bibera ku buhinga ngurukana bumenyi. Ivyo rero bituma ChatGPT igira ubushobozi bwo gutahura ibiganiro, igatanga n’inyishu zibereye.

ChatGPT itanga uturusho twinshi, twovuga nko kugira ubushobozi mukumenyera ibiganiro bitandukanye no mu ndimi zitandukanye. Ivyo bisigura ko umuntu gukoresha ChatGPT nkubu buhinga dusanzwe dukoresha ku mihora rusangi, mugukora amareresi, gufata amasanamu canke gukora ibindi bikoresho vy’amashirahamwe nk’ivyitwa chatbots.

Hambavu yako karusho kadasanzwe, ChatGPT yamaho kandi iguma itera imbere kubera iguma iriko iriyigisha . Ivyo vyose bikabwirwa abakoresha ubwo buhinga bose be n’ababukunda. Kubera ChatGPT iguma itera imbere mu buhinga, uko umwanya uhera rero niko izotera ikomera mu buhinga bugezweho buzoshoboza no kuganira nk’abantu. Sinzoba mu batangara mu gihe ChatGPT izoba ivuga, mu ndimi zitandukanye zivugwa kw’isi n’abantu.

Mu ncamake ya vyose, ChatGPT iguma ari akarorero kagezweho mu vyimvugo zidasanzwe zugurura imiryango mu gisata c’ibishushanyo nyabwenge. Ubwo bushobozi bwo kwakira, gutahura, ibihe ibintu bivuzwemwo, hanyuma hagatangwa ibisomwa vyo biza vyishura kuvyabajijwe vyatumye ChatGPT iba igikoresho nkenerwa, cizewe n’amashirahamwe be nabene gukora ibirimwo. Hari n’abayita Imana abandi bakayita igihume.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.