Urutonde rw’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi akwiye gukwirikiranwa ivyayo

Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi akwiye gukwirikiranwa ashika kw’icumi. Mu nkuru yacu yubuheruka twari twababwiye amahera ashika kuri atanu ya mbere muri ayo. Muri iyi nkuru ikwirikira tuja kubabwira ayo yandi mahera asigaye kugira dukwize ico gitigiri ca cumi. Tuja gusozera iyi nkuru dusigura ibituma ayo mahera arayo gukwirikiranira hagufi.

Amahera aza ubugira gatandatu (6) ni OKX afise igisata co guhanahana amahera bita OKB. OKB ifasha abakoresha ayo mahera kuyagura, kuyagurisha be no mugufata igihagararo mu masoko mukugura no mukugurisha. Iyo ufise ikarata ya OKB, hariho uturusho mperekeza, ushobora kugabanirizwa ibiciro vyo guhanahana ayo mahera, gushikira vyoroshe ibikorwa bikorerwa muri ico gisata.

Akandi karusho uwufise iyo karata aba afise ni ubushobozi bwo gutora amategeko y’uburongozi muri ico gisata, ivyo bigatuma ico gisata gitera imbere hamwe na nyene ikarata. Ntaworeka kuvuga ko OKX ari amahera afise agaciro kanini kw’isoko ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi kw’isi aho igitigiri c’abayakoresha kiguma kiduga. Iyo ni imvo imwe muri nyinshi ituma ayo mahera akwirikiranwa ivyayo.

Ubugira indwi (7) haza ayitwa Monero afasha cane ihanahanwa ry’amahera mu buryo bwigenga cane cane no ku bantu badashaka ko amazina yabo amenyekana. Ayo mahera Monero arafasha mugukora ibikorwa vyo mw’ibanga, arafise igisata gikora mw’ibanga citwa Ring Confidential Transactions (Ring CT) gikoreshwa mu kunyegeza umwidondondoro w’ababa barungitse amahera, abayaronse n’ayo baba baronse uko angana.

Monero rero ni ayo gukwirikiranira hagufi ku mvo nyinshi. Ubwa mbere na mbere uko kuntu ayo mahera afise igisata gikorera mw’ibanga ni ikintu kidasanzwe ku rubuga rwa Blockchain, kubwo abakoresha ayo mahera kugira bakingire ivyabo be n’umwidondoro wabo. Ubwo buhinga bwayo bw’ibanga buguma butezwa imbere kuri urwo rubuga rwa Blockchain, bigatuma ayo mahera agira igihagararo gikomeye mw’ihinguriro Blockchain. Hambavu y’ivyo, Monero ni amahera abushitse. Ayo mahera arafise umurwi w’abantu bayateza imbere bakongera bakayakoresha nico gituma tuyasanga ku masoko yose y’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi.

Ikibanza c’umunani (8) kirimwo ya mahera twita Ethereum. Ethereum ni amahera ahurumbirwa na benshi. Ubwa mbere na mbere Ethereum ifise ikibanza ca kabiri mu bijanye n’imitahe ku masoko inyuma ya Bitcoin. Aho barekeye urufatoiro rw’ibikorwa bakaraba ivyifujwe gukorwa cabaye ikintu kidasanzwe kuri Ethereum mu mwaka wa 2022, bituma ibikorwa binyaruka hakoze inguvu nke. Ivyo biri muvyavuzwe vyerekana intege nke za Blockchain.

Ethereum isa niyifutse abantu batari bake mu bariko barateza imbere igisata c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Umuhora wa Ethereum urimwo amategeko yifuzwa na benshi muri ico gisata. Twovyita nk’iterambere rishasha ryo muri kazoza, aha twovuga nk’ishirwaho ryo kwagura umuhora. Ni ubuhinga bushasha bwa Blockchain butuma hakorwa ihanahanwa ry’amahera ku rugero runini. Iryo yagurwa ry’umuhora rituma umuntu yunguka kubera ubushobozi bwiwe. Ivyo bisigura ko ubwo buhinga bushobora kwishurira rimwe abituye ico gisata bose uko baba bangana. Nkuko tubikesha abahinga, umuntu ntiyoreka kwiyumvira kazoza k’umurwi w’imitahe yo ku buhinga ngurukana bumenyi atari Ethereum. Ico kiri mu bituma bikomeye ayo mahera akwirikiranwa neza.

Ubugira icenda (9) haza Bitcoin. Ibimenyetso vy’iterambere ku masoko vya Bitcoin vyatumye ayo mahera ari kw’isonga ry’ayandi ku bijanye n’imitahe aba ayo gukwirikiranira hagufi.

Ukuzimangana kw’amasoko y’amahera yo ku buhinga mu mwaka wa 2022 vyaraungabanije abanyamitahe bari bahisemwo gukwirikiranira hafi  umurindi wa Bitcoin muri kazoza. Izimangana rya FTX ryaragabanuye cane umwizero w’abanyamitahe hamwe n’abandi bantu basanzwe. Hambavu y’igisata c’ubutunzi kitifashe neza muri rusangi catumye ” Bitcoin” itakaza agaciro cane , ayo mahera yaragaragaje utundi tunenge dushobora gutuma ayo mahera avogerwa n’ababasuma bo ku buhinga ngurukana bumenyi, bituma abatari bake bidoga canke bagira amakenga.

Uwo mwamikazi w’ayandi mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ari muyakwirikiranwa cane muri uyu mwaka wa 2023. Abantu benshi baribaza ko azotera atera imbere ku masoko y’ayandi mahera. Ibitigiri vy’intega bizoza kw’iduga rya Bitcoin biguma bihindagurika, ivyo bigatuma ayo mahera akwirikiranwa umurindi wayo vy’umwihariko muri  uyu mwaka.

Ikibanza ca cumi (10) kuri urwo rutonde kirimwo igisata c’amahera yitwa Binance. Ikarata ya Binance bita Binance coin, izwi cane k’urugero rwayo rwo guhanahana amahera ku musi ruri hejuru.

BNB yashizweho kugira iteze imbere  ico gisata ca Binance mukuriha amahera no mukuyahabwa ku biciro bigabanije. Irakoreshwa kandi muguhanahana amahera n’ibindi bisata bikoresha Binance Launchpad.

Ihomba rya FTX ryaratumye na Binance coin ikorwako. Ayo mahera yarakozweko cane ariko yarigumije mu kuguma mu kibanza ca gatanu (5) mu vy’imitahe ku masoko. Nubwo hari iryo hungabana rya FTX ryayikozeko cane, hariho umwizero ko Binance coin izobisohokamwo ningoga. Ivyo bisigura ko Binance coin ija ku rutonde rw’amahera yarabwa cane mu mwaka wa 2023.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.