Kubera iki hariho amahera amwe amwe yo ku buhinga ngurukana bumenyi akwiye gukurikiranirwa hagufi muri uwu mwaka wa 2023?

Imigambi myinshi y’ayo mahera iguma iriko irabona izuba ku murindi munini. Utunenge twibonekeje kuri ayo mahera ni uko avuka ku bwinshi ariko ntiyemeze abantu ibikorwa vyayo ko bimeze neza, ikindi naco amahera menshi muri ayo ntiyizewe. Menshi muri ayo kandi arorohereza ubusuma. Kubera ico gisata kidafise amategeko atomoye akigenga, abapfungakiwani barikika inyuma yiyo ntunganyo mbi, nico gituma abantu benshi baguma basemerera basaba ko hajaho amategeko ameze neza muri ico gisata. Mu kurindira, ico gisata  kiba kirakora uko. Mu makuru yacu yaheze, hari ikibazo c’amahera arabirwa hagufi, yarashizwe ahabona amwe yose uko ari.  Ubu rero muguheza iyo nkuru, twibaze duti: ni kubera iki amahera amwe amwe akwiye gukwirikiranirwa hagufi muri 2023?

Ubuhinga bwa Blockchain aribwo shimikiro ry’imigambi y’ayo mahera, buratanga uturusho tutari duke ufatiye ku mutekano w’ivyakozwe be no gukorera mu bwisanzure. Amakuru arahanwahanwa akingiwe kandi ata rundi rwego aciyeko ngo ruyagenzure, Blockchain itanga amakuru ku buryo bwegereye beneyo. Nta bindi bisata bisuzuma ayo makuru ahanahanwa k’ugwungikane rw’amapfundo y’ico gisata gusa. Uko kuntu ico gisata gishikana amakuru kuri mwene yo biraheza bigatuma ibikorwa vyose bikorerwa mu muco kandi bikagora gukorerayo ivyo ushatse.

Akandi karusho ka Blockchain ni igabanurwa ry’ibiciro kubera amakuru canke amahera ahanahanwa aciye mu bisata bike bigatuma inzira iba ngufi. Iciyongerako n’uko amakuru aciye kuri urwo rubuga adafutwa. Ivyo bikongereza umutekano w’ibikorerwayo vyose kubera ibiciye kuri urwo rubuga bidakunda ko ubifuta canke ngo ubihindure iyo vyamaze gushirwa kuri urwo rubuga. Umutekano w’amakuru ahanahanwa kuri urwo rubuga mu bwigenge niryo shingiro rya Blockchain.

Akandi karusho ni imigambi ikorerwa mu muco. Ugukorera mu muco  ni kimwe mu bintu bituma imigambi ijanye n’ayo mahera yizerwa. Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ashingiye ku buhinga bw’urubuga Blockchain. Uko kuntu ico gisata cubatse bituma gikorera mu muco kurusha. Ariko ntitwosya bwose mukwizera ivy’ayo mahera. Igisata c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi carabayemwo ubusuma be n’ubupfungakiwani mu mwaka wa 2022 vyatumye abanyamitahe benshi batakaza icizere.

Kubera iyo mvo hamwe n’ivyaciye biba ku masoko, imigambi y’ayo mahera itegerezwa gukoresha inguvu nyinshi kugira igarukane icizere mu bantu. Kuko icizere c’abantu nirwo rugero rwo gusuzuma ubushobozi bw’imigambi y’ayo mahera.

Ugukorera mu muco, ukwizerwa be no kwizigirwa ni uduce dufatirwako mu gutondeka uko ayo mahera arutana.

Amahera turabira hagufi arafise akarusho ko kuvyara umusaruro bitakuruhishije nico twita revenu passif bisigura kuronka amahera utavunitse canke ngo  uruhe. Ariko ntibikorwa kumwe ku mahera yose, birasaba kugira ico ukoze kibayabaye. Bisaba gukwirikirana, ugashishoza isoko ryayo mahera aboneka umuntu atavunitse. Kubera ko ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi afise igihagararo mu vy’ubutunzi bituma abanyamitahe bayavyaza inyungu batarushe.

Ivyo rero birasaba gukura ukuboko mu mpuzu ugakora nimiburiburi. Abafise ayo mahera barashobora kuyatangako ingurane, abayakoresha bakayasabako ingurane gutyo nyene. Ivyo vyose bigakorwa bubahirije amasezerano yo ku rubuga  Blockchain kandi vyabanje no gusuzumwa n’ivyuma nkorana buhanga bisuzuma ihanahanwa ry’amahera ku bisata vyose vya Blockchain.

Mugusozera, iyindi mvo isigura uko kwamiza ijisho kuri ayo mahera ni inyishu zatanzwe n’imigambi mishasha. Birakenewe rero gukurikirana, kurondera amakuru ajanye n’amahera mashasha ibiyaranga hamwe n’innyishu azanye ku bibazo bihari. Imigambi nkiyo iratuma abanyamitahe bagarukana icizere mu kiringo co kudandaza ayo mahera, akongereza agaciro nabo bakahungukira.

Birazwi ko imigambi myinshi y’ayo mahera yama yakozwe ku musi ku musi ariko kenshi bikagora kuyibona. Muri iki gihe , abantu Bose barindiriye KO amasoko yisubiza agashambara, ni umwanya mwiza rero wo gukwirikirana ayo mahera afise imigambi myiza be n’uturusho twinshi mu gihe co kuyadandaza . Dufatiye kuri ivyo vyose , amahera aza imbere ni ayitwa Fightout hagakwirikira ayitwa  C+Charge, yitwa Kandi amahera y’ibidukikije.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N