Mu Bushinwa hoba hagiye guhingurwa abana?

Reta y’Ubushinwa, mu mwaka wa 2018, yarakariye umuganga yavukishije amahasa abanje guhindura uburemangingo bw’umwana yari mu gitereko. Ubutungane bwamuciriye imyaka 3 yo gupfungwa bumwagiriza gukora ibikorwa bitarekuwe  n’amategeko. Abashakashatsi bamwe bamwe baravuze ko urwo rubanza rudakwirikije amategeko, ati ntirwisunze iterambere ry’abantu muvyo ubushakashatsi. Abandi bahagaze ku karangamutima mu vy’ubushakashatsi. Izo mpande zibiri zagumye zihanganye, ubuho vyarunyutse bitumwe n’iterambere ryihuse mu bijanye n’ubuhinga bukoresha ubwenge bw’imashini nyabwonko mu bisata vyose vy’ubuzima.

Abashakashatsi benshi barasaba guhagarika ubwo buhinga kugira habe itunganywa ryiza ku bijanye n’ubwenge bw’imashini nyabwonko. Muribo,  uwuri kw’isonga muri ubwo buhinga akaba n’umwigisha wa kaminuza yi Montréal ni Joshua Bengio. Tuzogaruka ku vyiyumviro vyiwe mu nkuru yacu yo mu nyuma. Nimba abashakashatsi baravuye mu gacerere bitumwe n’ikwiragizwa ry’ikibumbano nyabwenge ChatGPT hamwe n’itezwa imbere ku muvuduko udasanzwe ry’ibindi bibumbano nyabwenge biri ku rugero ruhanitse nka GPT – 4 y’amasanamu, igitigiri kinini c’abashakashatsi basa n’abatabonye ubuhinga bwashizweho na Reta y’Ubushinwa bwo gushiraho ibitereko bikoreye bigakurikiranwa na bwa buhinga bw’ubwenge bw’imashini nyabwonko. Ubwo buhinga buracari mw’igeragezwa nubwo abashakashatsi benshi bagomba guhagarira akarangamutima mu vy’iterambere ry’ubushakashatsi.

Mu gutorera inyishu ibibazo vy’ukwibaruka mu Bushinwa, ico gihugu ntikikiri muri  vya bihe vyo gupfunga umuganga yavyaje amahasa ariko ahubwo ubu ico gihugu gikora ibirenze ivyo kure niyo mu gushiraho uburyo bwo guhingura abana. Dufatiye ku nkuru yasohowe n’iradiyo y’Abafaransa yitwa Europe 1, abashakashatsi b’Abashinwa bariko bakora ubwo buhinga ku murindi munini.

Igitereko gikozwe nk’umufuko ukozwe mu bishonga, kirashobora kubika umwana (gutwara inda) ivyo vyose bigakurikiranwa  n’ubuhinga bw’ubwenge bw’imashini nyabwonko ni ivyo bita nounou artificielle.

Hari imiringoti myinshi iriko irifashishwa kugira ifashe mukugaburira nya twana turi muri ivyo bitereko. Ico cuma kirakwirikira ukuntu akana gatera imbere, gukura kikadakozeko eka gikwirikirana ukuntu vyose bikora.

Hifashijwe imashini nyabwonko, ibitagenda neza vyose muri nya mwana irabishira ahabona, ingaburo yiwe ihinguwe mu biseseka ipimwa hakoreshejwe bwa bwenge bw’imashini nyabwonko, ivyo vyose bigenda nk’uko umwana ari mu nda ya nyina wiwe.

Nounou artificielle ifise igikorwa co kuraba ibitagenda neza igaheza ikabimenyesha umufundi, irafise igikorwa kandi co kwegeranya mu mirwi utwana ifatiye ku magara yatwo n’ukuntu tuzotera imbere mu gukura muri kazoza.

Uwo mugambi twovuga ko watanze ivyamwa vyiza, wageragerejwe ku mbeba n’abashakashatsi bo muri kaminuza ya Suzhou. Ku buryo  bw’ihinguriro ubwo buhinga  burashobora kurema ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abana gutyo rero mu busazi bw’abashakashatsi b’Abashinwa bakaba bishuye ibibazo bijanye no kurondoka muri ico gihugu. Ubwo buhinga bushasha busigurwa nk’iterambere nk’uko vyandikwa n’ibimenyeshamakuru vyo mu Bushinwa kuko abo bamenyeshamakuru babifata nk’inyishu muvyo kurondoka. Umusesanguzi w’Umufaransa Michel Onfray muri vya vyirwa mbagarabwenge we, mu kinyamakuru citwa C- news, avuga ati: uwo ni umwimbu w’ubusazi. Ibibazo bimwe bimwe bijanye n’ubuntu vyaravyutse bikazotuma haba ukutumvikana muri kazoza. Kandi iyo ntambara ntizoba yoroshe ku mpande zose. Nk’uko tubikesha ikinyamakuru co ku buhinga ngurukana bumenyi galaxie de la futura,

Abashakashatsi bo mu Bushinwa muri kino gihe bagumye bakorera mu tuzitizo tw’amategeko. Ubushakashatsi bwagumye bubandaniriza mu bikoko. Abo bashakashatsi ntibubahuka kurenza imisi 14 yubwo bushakashatsi nk’uko biri mu mategeko mpuzamakungu agenga ubushakashatsi. N’aho biri uko ariko, Abashakashatsi  b’Abashinwa barashavuye baca bahitamwo kurenza iyo misi itegekanijwe kubera hasigaye vyinshi bikinyegejwe bitaratorerwa inyishu mu gukuza akana k’umuntu hakoreshejwe ubwo buhinga nk’uko bivurwa na Sun Haixuan, ari kw’ isonga ry’ubwo bushakashatsi. Abashakashatsi b’Abashinwa baremeza ko ico cirwa canke ubwo bushakashatsi bworonswa amategeko mpuzamakungu abugenga ukuntu bukora na rirya tubona bwoshobora kubandanya butera imbere mu bumenyi bujanye n’ikura neza ry’utwana hamwe n’intambamyi bagira.

Eka n’amategeko y’Abashinwa ntaco afasha muri ubwo bushakashatsi. Ahubwo ni nk’igifashi ku bijanye no gukora ibitereko vyojamwo umwana w’umuntu kubera gutwarira inda uwundi bibujijwe mu Bushinwa, igitereko c’igikorano ibitaro cokoreshwamwo vyoba birenze amategeko. Nibazako ata bitaro vyokwemera ico cago nk’uko vyasiguwe kandi na Sun Haixuan. Ikibazo kijanye n’ubuntu nico cahavuye ciganza mu mpari z’ubwo buhinga bw’ubwenge bw’imashini nyabwonko. Nta muntu n’umwe avuga ko ubwo buhinga buhebwa ahubwo ama Reta niyo yobanza agashiraho amategeko atunganya ubwo buhinga bw’ubwenge bw’imashini nyabwonko.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.