Iduga ry’ibiciro  vya Ethereum ni ntabanduka mu myaka iza.

Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi Ethereum afise ikibanza ciza muri iyi misi, abahinga bose baravyemeza. Itegekanywa ry’ibiciro ku masoko vya Ethereum ryerekana ko ayo mahera azoduga uno mwaka kandi ko iryo duga rizobandanya no mu myaka ikwirikira. Kuva ubu gushika 2030, integekanyo zose zerekana ko ayo mahera azogumana igiciro kiri hejuru ku masoko, hamwe n’umutahe uri hejuru y’iyindi yose.

Euthereum muri iki gihe ingana n’amadorari y’amanyamerika 17000, yaraduze ku rugero rw’ibice 0.37 % mu masaha 24 aheze akongera agahanahanwa ku rugero rungana n’imiriyaridi 6 z’amadorari. Ethereum gushika ubu iri mu kibanza ca 2 mu yandi mahera yose yo ku buhinga ngurukana bumenyi hamwe n’umutahe ungana n’imiriyaridi 209 z’amadorari. Iryo duga ry’ibiciro vy’ayo mahera bisigurwa ubwa mbere n’ihinyanyurwa ry’ubuhinga bise Shangai hamwe n’irindi hinyanyurwa ryimirije ryitwa proto -Danksharding nk’uko tuzobibona mu nyuma.

Nk’uko tubikesha abahinga batatari bake, Ethereum ni amahera ariko araduga ibiciro ku buryo butangaje muri uno mwaka. Integekanyo z’ibiciro vya Ethereum muri uwu mwaka wa 2023 iremeza ko ayo mahera azoduga ibiciro mu gice ca 2 c’uwu mwaka gushika ku rugero rw’amadorari 2500.

Ayo mahera azoguma aduga kurusha ayandi mahera yose. Abantu benshi barizeye ko atazosubira kumanuka. Birashoboka ko ayo mahera azogira igiciro ngereranyo c’amadorari 2425 n’ubwo ari intumbero irimwo ivyipfuzo vyinshi ariko n’ubwo biri uko igiciro gito ayo mahera adashobora kuja musi ni 2079.15 y’amadorari muri uwu mwaka.

Integekanyo yo mu mwaka wa 2024 yo yerekana iduga ry’ibiciro ridasanzwe. Izo ntegekanyo zose ziremeza ko ata bibanza bisigaye vyo kwaguriramwo umuhora mu ntumbero yo kwunga ubucuti n’ayandi mashirahamwe mashasha kuko abantu benshi bariteze ko ayo mahera ashobora gushikana igiciro c’amadorari 4331.56  kuva mu mezi ya mbere yo mu mwaka uza. Ariko rero ntitwoshoka twinjira muri ico kineza ngo twigine, birasaba ko tubanza tukaraba neza ubushobozi bw’ayo mahera bufatiye kuri uko kuntu adandazwa imbere y’uko dutegekanya ibijanye n’iduga ry’ibiciro. Isoko uko uyisize siko uyisanga , kuri iyo mvo ibiciro vya Ethereum bishobora kwababa amadorari 3811.77 ariko ntivyoja musi y’amadorari 3465.25 mu mwaka wa 2024.

Ethereum izobandanya urwo rugero rwayo rwo kuduza agaciro gushika no mu mwaka wa 2025 nk’uko tubibona mu ntegekanyo z’ibiciro irashobora gushika ku madorari 6064.18, muri ico gihe ayo mahera azoba afise akarusho kadasanzwe. Nubwo biri uko kubera amasoko ahindagurika ibiciro birashobora guhinduka bigakoroka, muri ico gihe intumbero yacu ntizoba igishitsweko. Ethereum rero irashobora guca igurwa 5544.40 ariko ntiyoja musi y’amadorari 5197.87 nk’uko tubisanga mu ndinganizo y’ibiciro vyo mu mwaka wa 2025.

Biragaragara ko Ethereum iriko irihariza amasoko y’abantu basanzwe ari abanywanyi b’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Indinganizo zihari zerekana ko ibiceri vya ETH bishobora kugumana agaciro kari hejuru mu kiringo c’imyaka 5 iza. Abantu bose bariteze ko ETH izoguma muri ico kibanza gushika muri 2026. Ayo mahera arashobora kuguma kuri urwo rugero canke akabandanya aduga. Ayo mahera arashobora kuzoca agira agaciro kangana 7796.81 y’amadorari mu gihe igiciro kitoja hasi y’amadorari 6930.50, bigasigura ko igiciro ngereranyo muri rusangi coba amadorari 7277.02 muri uwo mwaka wa 2026.

Iryo duga rizobandanya no mu mwaka wa 2027. Izo ndinganizo ugusesangura biragaragaza ukuri. Abahinga bategekanya igiciro ca ETH gishobora gushika ku madorari 9009.65 hamwe n’igiciro atoja musi c’amadorari 8663.13 ivyo bikaba bitegekanijwe imbere y’uko uwu mwaka uhera. Mu mwaka wa 2027 ayo mahera arashobora gushika ku rugero rw’amadorari 9526.43, iryo duga rizobandanya gushika ku madorari 11000 mu mwaka wa 2028, iryo rizobandanya gushika ku madorari 13000 mu mwaka wa 2029, abe 15000 vy’amadorari mu mwaka wa 2030.

Ni iterambere muvy’ubushakashatsi bukoreshwa ku rubuga Blockchain Ethereum bwatumye Ethereum itera imbere. Ihinyanyurwa ryiswe Shangai ryatanguye gukoreshwa muri uku kwezi kwa Ruheshi vyaratumye ivyo guhanahana amahera binyaruka, biba mu buryo bukingiye kandi bigakoresha n’umuyagankuba muke, kandi ivyo birabandanya.

Ibikorwa vy’ubushakashatsi kuri Ethereum birabandanya. Izindi ntambwe ziriko zirakorwa twovuga nk’ihinyanyurwa ryitwa cuncun -deneb ( Dencun). Iryo hinyanyurwa rishasha rizokoresha cane ubwo buhinga  mu guhanahana amahera kandi mu buryo buzimbutse. Ubwo bunyarutsi mu bikorwa nibwo butuma abantu bahurumbira kubukoresha. Inyishu izova mu gisata proto – Dunksharding, giteye imbere, niyo izokuraho ikibazo co kubura ahashingurwa amakuru ivyo bikaba arivyo bituma ibikorwa vy’amasezerano n’ibindi bisata vyikwega.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.