Ihinyanyurwa ry’ubuhinga ririndiranywe igishika.

Itanguzwa ry’umuhora mushasha wa Ethereum muri ndamukiza iheze I Shangai ryatanze isura nshasha mu gisata c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Iryo hinyanyurwa ry’ubuhinga ryaroroheje ibijanye no kugura no kugurisha ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi, kuronka inyungu biciye ku rubuga Blockchain. Habaye kwemeza guhanahana Ethereum hakoreshejwe isuzuma rifatiye ku bwumvikane babanje guheba ubuhinga bw’isuzuma rifatiye ku biharuro bwahora  bukoreshwa. Akarusho nyezina ntituragashikira. Uko kuva mu buhinga bwa kera tuja muri bushasha vyaragabanuye ikoreshwa ry’umuyagankuba ku muhora ku bice 99%. Ubwo buhinga nyene buratanga uturusho tujanye no guhanahana amahera vyoroshe. Muri urwo rutonde twovuga ni’igihe havuzwe itariki ya 12 ndamukiza aho hatanguzwa ubwo buhinga bushasha.

Iduga ry’igiciro ca Éther ntiryari ryitezwe. Aho hamenyesherejwe ihinyanyurwa ry’ubuhinga i Shangai Capella, ibiciro vyaciye biduga ubwo nyene,  Éther yaciye ishikana, ubwa mbere mu mezi 7, igiciro c’amadorari 1900. Abanyamitahe baca barayakunda ku buryo ubu asigaye avunjwa amadorari 1911. Uko itariki yo kuja mu buhinga bushasha yegereza niko abanyamitahe biyongera hanyuma igiciro kikaduga nkako bari barindiriye impinduka zikomeye.

Guhinyanyura umuhora wa Ethereum bizotuma ico gisata gitera imbere. Ubwa mbere, abafise ama ethers bazoshobora kuronka amahera babikije, ivyo bigatuma ababitsa bisanzura mu kubitsa amahera. Akarusho kagira 2 kajanye n’umutekano w’amahera ahanahanwa. Iryo koreshwa ry’ubuhinga bushasha bufatiye kw’isuzumwa ry’ubwumvikane bukora mu buryo bukingiye kandi bugatuma umuhora wa Ethereum ukora neza. Ni ubuhinga butuma hakoreshwa umuyagankuba muke cane. Akarusho kagira 3 kajanye n’iyongerekanwa ry’ubushobozi bwo guhanahana amahera mu buryo bunyaruka kurusha uko vyahora. Nubwo hari abanyamitahe bagikekeranya, biragaragara ko ikoreshwa ry’ubwo buhinga rimaze kuba ntabanduka ko abafise ama ethers kuyakaba mu ma staking-Ethereum, ico kikaba ikintu gikomeye cane. Uwo mugambi rero ni ntabanduka mu gisata c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi kandi ari akarusho kuri ayo mahera ugereranije na Bitcoin.

Ariko nubwo biri uko hari abanyamitahe batemera neza iryo hinyanyurwa. Kukaba nkako ku miriyoni 2.5 z’amadorari yinjiye ku mitahe y’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi, abanyamitahe bamwe bamwe barashavujwe n’igabanuka ry’ibiciro ku rugero rw’ibice 33% ugereranije no mu ndwi yahera. Bitcoin yo kayibereye akaryo keza kuko yaciye yinjiza imiriyoni 8.8 z’amadorari.

Ku banyamitahe bafise ama ethers , iryo terambere ryatanze uturosho twinshi twovuga nko kubitsa vyoroshe mu ma staking bakongera bakoronka inyungu ivuye muyo bahanahanye. Mu rukwirikirane rw’iyo nkuru, utwo turusho twatanguye mu mwaka wa 2020 ku muhora wa Ethereum.

Mu mwanya staking yariko iratera imbere muri ico kiringo co kugerageza ubuhinga bushasha ku muhora wa Ethereum wiswe 2.0, birashoboka ko umuntu aronka inyungu zirenza ibice 10% ku mwaka . Ama ethers yari akibitswe mu ma staking muri kino gihe, imbere y’umuzo w’ubuhinga bushasha angana n’ibice 14%. Ubwo buhinga bw’umuhora Ethereum 2.0 bwaraciye inkokora abatari bake mu banyamitahe kubera ama staking yategerezwa guca ahindurwa mu ma ethers ata kintu na kimwe gisabwe.

Ariko rero izo ngorane zose zizoca zitorerwa inyishu n’iryo hinyanyurwa ry’ubuhinga ryitiriwe Shangai. Abahinga ba Ethereum baravuze ko igikorwa gikomeye iryo hinyanyurwa ry’ubuhinga rizofasha ni ugushobora kuva mu ma staking ukoresheje ubwo buhinga, ugushobora no gukurako inyungu bihuye. Benshi mu banyamitahe baramaze kubona ko bazohungukira kubera ubwo buryo bushasha.

Benshi baribaza ko n’ibindi bisata bikoresha amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi bizoca bishiraho igisata gikorana n’ubwo buhinga bwa Ether, bigakorana mu buryo bwihuse ku rubuga Blockchain. Ivyo navyo bizogenda ute? ni ukwemeza ihanwahanwa ry’amahera ku rubuga hwaniro Blockchain ukongerako ikindi gisata,  ingorane ijanye n’ayo mahera ikabona gutora umuti. Uwo muti rero uboneka mu gihe ama ethers yabitswe mu gisata hwaniro co kuguzanura amahera.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N