Ng’aya amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yo gukwirikiranira hagufi inyuma ya rya hinyanyurwa ry’umuhora ryitiriwe Shanghai.

Muri ino nkuru tuja kuvuga amahera amwe amwe yo ku buhinga ngurukana bumenyi akwiye gukwirikiranirwa hagufi inyuma y’intambwe nshasha yo guhinyanyura umuhora Ethereum Shanghai ryabaye kuva igenekerezo rya 12 ndamukiza uyu mwaka. Ariko imbere y’uko tugira ico tubivuzeko bisaba ko tubanza gutahura neza ico bita staking ni ukuvuga kubitsa amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu gasandugu mu ntumbero yo kuyaronkako inyungu. Tugaruke kucarico staking, ukuntu ikora, n’ukuntu twoyikoresha n’aho twoyikorera. Tumaze gutahura staking icarico niho duheza tugategera igituma ayo mahera tuja kuvuga bikenewe kuyakwirikirana neza muri kazoza. Uburyo butwara umuyagankuba muke, bworoshe gukoresha kandi budufasha kuronka inyungu ni staking. Ni ukuvuga iki muri make?

Staking ni ukubitsa amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi hisunzwe amasezerano y’ubwenge kugira umutahe winjire mu gisata Blockchain. Staking irafise ico ihuriyeko n’igikorwa bita minage kubera iha uturusho ababa bashizemwo imitahe kuri uwo muhora. Muri make , staking ni ukubika amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu buryo bukingiwe hanyuma ugaheza ukaronka inyungu bijanye. Mugukora staking birasaba kwihweza neza igisata bikorerwako. Staking isigaye ihurumbirwa cane n’abantu benshi ku buryo hariho n’ubusuma busigaye bwikika inyuma y’ayo, ugasanga hariho imbuga z’ubusuma zihamagarira abantu kuzana imitahe mu nyuma zikazimangana zidatanze inyungu zemereye abanywanyi. Abahinga bacu muri ico gisata baratwereka imbuga zibiri dushobora gukoreramwo Staking mu buryo bwizewe. Izo nazo ni ZenGo na Binance.

Ihinyanyurwa ry’ubuhinga bitiriye Shangai rizotuma ivyuma bikoreshwa mu kubika ama ETH biba vyinshi. Iryo rwirirana rizotuma abantu bahurumbira indinganizo yiswe Staking Liquidity. Iyo ndinganizo ituma ushobora gutora amahera yama tokens ahuriranye nayo uba ufise kuri staking. Bica vyoroha gukoresha ayo mahera n’ubwo yoba amaze imisi abitswe muri Staking hisunzwe indinganizo y’ubwumvikane yitwa proof – of- stake. Ivyo bisigura yuko no mu ndinganizo ya kera, indinganizo ya staking Liquidity yamye ifise ubushobozi bwo gushobora kuronka ama tokens. Ni ibintu bidasanzwe ! Ivyuma vya kera bijejwe kwemeza ibikorwa navyo nyene birashobora gushira mu bubiko ama ETH hakoreshejwe staking. Turestseko staking ikora mu buryo bukingiye igatuma n’ibikorwa bindi binyaruka, inatanga n’inyungu zitubutse ku rugero rwa 4 gushika kuri 5%.

Hari inyishu nyinshi zugururiye abakoresha ubwo buhinga. Inyishu nyayo kandi itomoye ni Staking, iheza ikagufasha gushiraho ifundo ryo kwemerezamwo ibikozwe n’umunywanyi, kugira bikunde bigasaba ko ubanza kuriha nimiburiburi ama ETH 32 ku muhora Blockchain. Nk’uko abakoresha ubwo buhinga benshi basanzwe bafise ama ETH ata mahera bafise canke ubushobozi bwotuma binjira mw’ubwo buhinga bushasha n’ubwo bitagoye, iyindi nyinshi ihabwa uwo murwi ni ugukoresha ubwo bundi buhinga bwa Liquidity Staking, staking solide.

Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi azwi ko akorana na Liquidity Staking twoshobora gukwirikirana inyuma ya rya hinyanyurwa ry’ubuhinga Shanghai ni ayitwa: Lido, Rocket Pool, na Frax Finance. Ayo mahera afise uburusho bwinshi twovuga nko gukuraho inzitizi ku buhinga bwo kwinjira muri Staking uciye kuri Ethereum. Ikindi kandi ayo mahera yaje atorera umuti ikibazo co kuronka amahera yo mu ntoke mu gihe ayo usanganywe abitse mu bubiko. Muri make, iyo ama Ethers abitse mu bushinguro, ntushobora kuyakoresha kuko ntayo uba ufise mu ntoke muri uwo mwanya ukoze Staking.  Ariko mu gihe ubitse ETH 1 mu ndinganizo ya staking Liquidity nka ya mahera yitwa Lido nk’akarorero, uca uronka ama tokens angana na ETH 1. Iyo “token iza yerekana neza ko ufise ETH 1 muri staking ugaheza ugashobora kuyikoresha mu bikorwa bitandukanye.

Amahera LDo, RPL na FRx arafise ubushobozi bukomeye mu mikorere y’umuhora wa Ethereum. Kuri uyo musi nyene ama Ethers abitswe mu gasandugu angana n’ibice 14% niyo yafasha mu mikorere y’umuhora, bikaba biri ku rugero ruto ugereranije n’ibindi bisata vya Blockchain. Hari ibituma vyinshi bituma abakoresha ama Ethers batinjira mu buhinga bwa staking ni canecane ubwoba bw’uko ama tokens yoba ari mu bubiko butazosubira kuyaronka. Ico n’ikibazo kizwi ariko catorewe inyishu na Shangai.

Abanywanyi babitsa ama Ethers yabo muri Staking turiteze ko igitigiri kizokwiyongera kubera ihinyanyurwa ry’ubuhinga ryitiriwe Shangai. Bigatuma aho bashobora kubitsa no kugumana ama tokens yabo biciye kuri ya ndinganizo ya staking solide, hazoca habaho inzitizi nyinshi kuri staking. Ubuhinga bwa staking solide buzoca buhurumbirwa na benshi. Ni ukuvuga ko ari urukwirikirane rw’ama Ethers  mashasha yasohowe canke abanywanyi bafise ubuhinga buke bariko bararondera inyishu zibayabaye kugira baronke inyungu ku ma Ethers yabo, ivyo vyose vyatumye abakoresha ico gisata biyongera cane muri uwu mwaka wa 2023.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.