Terefone ngendanwa zigezweho muri kino gihe zigiye gusezererwa , tuvyitege vuba

Ubwenge bukorano ntiburota buhagarika umurindi w’iterambere wabwo. Izi terefone ngendanwa zigezweho dukoresha ubu zirashobora guteshwa agaciro muvy’ubuhinga n’umuzo w’ibindi bikoresho bishasha biriko birakorwa n’amahinguriro agezweho muvy’ubuhinga bushingiye kuri  bwa bwenge bukorano. Iyo terefone nshasha izokwitwa  IA PIN. Mu bisanzwe ico gikoresho gishasha co guhanahana amakuru nta kiyo ifise nk’uko tubibona kuri izi terefone ngendanwa zubu yiyumviriwe kugira isubirire izi terefone zihasanzwe mukurangwa n’uturusho twinshi.

Umugenzo wo gukorera mw’ibanga niwo uranga ayo mashirahamwe azokora izo terefone nshasha. Amakuru y’ayo mashirahamwe amenyekana ku rugero ruto cane ku bijanye n’uwo mwanzuro wo gusubiriza izi terefone ngendanwa zigezweho zihasanzwe n’izindi nshasha zitagira ibiyo vyo gusomerako amakuru. Ivyo rero vyatumye ibimenyeshamakuru vyose vyitaho kumenya ayo makuru. Iyo terefone IA PIN kazoba ari akuma umuntu azokwambika kw’ishati canke ikoti asanzwe yambaye bw’ agasharizo. Ako kuma gaheze gafate amakuru menshi harimwo n’amasanamu.

Uko gufata amasanamu hazoba harimwo n’ikindi gikorwa gikomeye nko kumenya neza ibintu vyose bibera ahari nyene gutwara ako kuma mugufata amasanamu n’ibiriko biraba vyose.

Uko kuntu ako kuma kameze bigaragara ko gafata canke kabona ibintu vyose bibaye kagaheza kakabitangako amakuru. Hifashishijwe icuma kirungika imishwarara,  amakuru yose y’ibintu bibona arerekanwa ata kibazo na kimwe kigiyemwo. Amaboko yinyiganyije aba afashije ca cuma gukora ibikorwa bitari bike. Ico cuma kigenzurwa n’agakoresho bita Sanpdragon de comm gasanzwe gakorana nivyo vyuma. Muri ubwo bushakashatsi, rya shirahamwe Start – Up Humane rirafise abarifasha badasanzwe, twovuga nka Microsoft na Volvo, vyumvikane ko ubwo bushakashatsi ata gufyinakurimwo.

Ni mu nama yitiriwe ubuhinga, ukwinezereza n’imideri (conférence TED), aho uwuserukira rya shirahamwe ry’ubuhinga yerekana ico gikoresho co muri kazoza. Ikigo  c’Abanyamerika kidaharanira ivy’amatungo bita Sapling Foundation kirategura inama mpuzamakungu zitiriwe ubuhinga , ukwinezereza n’imideri. Ico kigo gifise ihangiro ryo kumenyesha ivyiyumviro bikwiye kumenyeshwa.

Muri iyo nama, ikigo ca kera gikora ama mashini citwa Apple nico cashize ahabona ico cuma gishasha kigezweho. Ni ukuvuga bene gukora ico cuma gishasha bagize urugo rumwe, nibo bashinze ishirahamwe Humane. rikora ico cuma kigezweho. Ni Imran Chaudhri ariwe yashinze umuderi wa ios ikora mu ma iPhone, uwundi ni umupfasoni Béthanie Bongiorna yakoranye nawe mugukora iPad. Ni Imran Chaudhri yerekanye nya cuma gishasha muri iyo nama nk’uko twari twabivuze.

Muri iyo nama, Chaudhri yerekanye ukuntu ako kuma gakora afatishije kw’ikoti yiwe. Ako kuma nta kiyo co gusomerako ibintu gafise nka kurya kwa ya ma terefone ahasanzwe ahubwo kagizwe na bwa bwenge bukorano bwashizwemwo na rya shirahamwe ribukora. Mu nsiguro ziwe, Imran Chaudhri aremeza ko Start -Up yayishinze ahereye k’ubusa mu nyuma irakora ikoreshejwe na bwa bwenge bukorano. Yabandanije atera intege abashakashatsi gutera imbere mu gisata c’ubwenge bukorano, arabugurukira ababwira ko ashaka n’uwokora icuma kiza kirengeye ico yaberetse.

Yaboneyeho kuvuga mu nsiguro ziwe ko ico cuma cishura kuvyo kibajijwe nk’uku kwacu, kirumva, kirabona ariko kikabikora mu cubahiro c’ubuzima bwa muntu. Nk’uko uwashinze ishirahamwe Humane yabandanije abivuga, ico cuma gifashijwe n’ubwenge bukorano buri murico kirashobora gutanga icegeranyo c’inama nyene gukoresha ico cuma yagiyemwo. Mukubibemeza, Chaudhri yarerekanye ko ico cuma kija gusobanura ivyo bariko baravuga mu rurimi rw’icongereza kibishire mu rurimi rw’igifaransa. Aca aravyerekana, ivyo yari avuze mu gifaransa gica kirabishira mu congereza.

Ijwi rya Imran Chaudhri ryarasubiwemwo mugihe hariko haraba ukwo gusobanura indimi. Nka kurya kw’ikiganiro c’abantu 2 bayagira ku buhinga bwa none, ubwenge bukorano burakoreshwa mu kurondera amakuru be no mukuronka impanuro. Abashinze ishirahamwe Humane hariho akabanga bacibikiye mu bigize ico cuma nyabwenge n’ubwo Imran Chaudhri yagerageje kuvuga ibitari bike. Ugereranije ubwo buhinga n’ishirahamwe ribukoresha iterambere ni ngombwa, uburyo bukoreshwa nabwo butegerezwa gutumbera muri iyo nzira gusa.

Mbega nivyo vyari vyipfujwe n’abashinze ishirahamwe Humane. Kugirango imigenderanire hagati y’ubwo buhinga n’abantu itere imbere, harakenewe cane, nk’uko bivugwa n’abashinze  Humane ikintu gitandukanye n’ivyahahora Kandi kitagira ikiyo co gusomerako amakuru. Mbega ico gikoresho c’iterambere kirafise amahirwe yo gukundwa? Reka tuvyizere. Ariko mukurindira, duhe icizere ishirahamwe Start – Up Humane.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N