Uruhande ruteye ubwoba mw’ikoreshwa ry’ubwenge bukorano.

Twese turarengerwa n’ibishobisho vy’umwizero ku vyiza bikorwa n’ubwenge bukorano. Dusanzwe tuzi ko ikiremwa muntu kirajwe ishinga n’umutekano, amagara n’ibiza vy’ibidukikije, baca bahitamwo rero gukoresha ubwenge bukorano nk’inyishu  y’ivyo biza bibahanze. Biragaragara ko ubwenge bukorano bwatoreye inyishu ibibazo vyinshi vyo mu buzima cane cane mu gisata c’amagara y’abantu, iterambere ry’ubuhinga be no mu gisata c’ibigendajuru, ariko ni abantu bake biyumvira ko ubwo bwenge bukorano bushobora kandi gukoreshwa no mu bugizi bwa nabi, abantu benshi baravyiyobagiza.

Ubwo bugizi bwa nabi buhera mu gucura inkuru z’ubupfungakiwani. Ubwenge bukorano bukoreshejwe nabi bushobora kuba nk’indoto mbi kw’isi nzima muri kazoza. Nk’uko bivugwa na Lewis Graffin, umuhinga mu bijanye n’ubuhinga bwa none muri kaminuza yitwa Collège London, agira ati: ukurwirirana k’ubushobozi muvy’ubuhinga bufatiye ku bwenge bukorano bituma haba igwirirana ryo gushaka gukoresha ubwo buhinga mubugizi bwa nabi. Mu bushakashatsi bwiwe, Lewis Graffin afashijwe n’abo bakorana baregeranije urutonde rw’ibikorwa 20 bitemewe n’amategeko bikora hakoreshejwe ubwenge bukorano, Lewis yaciye abitondeka afatiye ku rugero rw’ubwonyi bw’igikorwa kimwe kimwe. Ni inyungu canke inyungu zihomvya abandi, uturusho twokoreshwa be n’ingorane zo kudomako urutoke hama zigahagarikwa.

Muri iyi nkuru tuza kubereka ibikorwa bitandatu (6) biri kuri rwa rutonde rwa Lewis Graffin. Ibindi bikorwa tuzobishira ahabona mu nkuru zacu zo hanyuma muri rwa rukurikiranane rw’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bikorwa hakoreshejwe ubwenge bukorano.

Ibibumbano nyabwenge bikoreshwa mu kurwanya abasuma bisa nibidateye ubwoba ariko ubiravye uko bikora birateye ubwoba iyo biriko bigendura ku rugo rw’umuntu. Ivyo bibumbano birashobora gusobwa ntibibe bigishobora kubonera abantu benshi rimwe mu gihe biri mu kazi kavyo. Ikindi naco, amakuru atariyo atangwa n’ivyo bibumbano arashobora gucafuza umuntu kanaka. Ivyo bibumbano nyabwenge birafise ubushobozi bukomeye bwo guhayagiza abantu tuzi mu gisata c’ivyese n’amasinema, nico twita deepfakes ni ukuvuga inkuru itariyo na gato. Aho turiko turerekana ukuntu ayo makuru ateye ubwoba. Igiteye ubwoba cane kuri ayo makuru twita deepfakes, n’uko bigoye cane kubirwanya kandi tubona ko bishobora guhungabanya igisata c’ubutunzi canke c’imibano vy’umuntu kanaka.

Ibibi twovuga bikomoka ku bwenge bukorano bishika kuri 7 Ubwa mbere ni amareresi atariyo. Ni ugukoresha akabira k’umuntu, ukamuvugisha canke ukamukoresha ibintu muri ayo mareresi kandi atavyo yigeze akora canke avuga ivyo vyose mu ntumbero yo gusaba amakuru anyegeje, gusamaza abantu mu gutosekaza agateka k’uwundi muntu. Ayo mareresi atariyo aragoye gutandukanya. Ubugira kabiri ugusovya imodoka zitwara. Gusuzuma izo modoka zitwara ata mudereva biteye ubwoba cane ku mutekabo w’abantu ziba zitwaye. Uko gusovya mw’isuzumwa ry’izo modoka birashobora gukoreshwa mugukora iterabwoba kuko ica ifatwa nk’ikirwanisho. Ikindi kandi imodoka yitwara itagira umudereva irashobora gukoreshwa mu guteza amasanganya mugihe itariko irasuzumwa n’igisata kibijejwe bitumwe n’abagizi ba nabi bahinduye ubuhinga bwayo.

Ubwa gatatu haza ibintu vyo kurungikira abantu ubutumwa butari bwo, hiyitiriwe amazina y’amashirahamwe kanaka, uwo muntu  agatumirirwa kuja ku rubuga rutari rwo kugira baheze bashobore kumwambura amakuru yiwe yose y’ibanga canke mu makuru yiwe bashiremwo indinganizo zirereka ivyo akora vyose canke bakamurungikira imigera mu bintu vyiwe.

Ubwa kane ni ugusovya imihora igenzurwa na bwa bwenge bukorano. Ni ihungabana ry’ibikorwa vyose nk’akarorero nk’ihungabana ry’ibikorwa ritumwe n’icika ry’umuyagankuba, ihungabana muvyo guhanahana ibidandazwa canke ihungabana muvyo gutanga ibifungurwa.

Ubwa gatanu ni ibijanye no kwiba amahera abantu ubanje kubatera ubwoba mugukwiragiza ibinyoma kuri bo. Ubwo bugizi bwa nabi busuma urusaku ku makuru y’umuntu y’umuntu bwite hanyuma akaronka ubutumwa, bufatiye kuru urwo rusaku, bumutera ubwoba. Ikindi Kandi, ubwenge bukorano bushobora gukoreshwa mu gutanga ivyemezo bitari vyo, twotanga nk’akarorero mu rubanza harimwo ivyagiriji vyo gufata ku nguvu.

Ubwa nyuma aribwo bwa gatandatu ni ugutanga amakuru atariyo hakoreshejwe ubwenge bukorano. Ubwenge bukorano burashobora gufasha mukwandika inkuru ijanye no kwiyamamaza bufatiye ku nkuru y’itsitso y’ukuri. Ubwo burashobora gukoreshwa mu gutanga amakuru menshi atandukanye y’ikintu kimwe mu ntumbero yo kukimenyekanisha no kugira abantu bacizere.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.