Isura y’ubugizi bwa nabi vy’ubwengendengabuntu : ibangamigwa ryibonekeza.

Mu vyo duheruka gusohora mu nyandiko zacu, twarashize ahabona uruhande rudatomoye bw’ubwengendengabuntu.Urwo ruhande rw’ubugizi bwa nabi burashobora guteza akaga isi mu misi iza. Ivyo vyibonekeza mw’ikoreshwa ry’amarobo yiba biteye ubwoba ariko zishobora kugenzugwa n’izindi zizisumvya ubushobozi.

Nkuko twavyerekanye neza mu rwandiko ruheruka ko izo robo ziba zidateye ubwoba kuko zishobora gufatwa kandi ntizishobora gukorera mu mazu menshi, mu kanya kamwe. 

Ariko tuzigereranije n’izindi zishobora gukwiza ibihuha kugira zambike ibara, zityoze abantu duca tubona neza ko arizo ziza ubwa mbere muri iyo migwi y’ubugizi bwa nabi izo robo zishobora gukora.

Amavideo y’ububeshi akoreshwa mu kwiba ibiranga umuntu kugira batyoze agateka kiwe, uburyo bukoreshwa kugira bashobore gushikira ibimuranga vyose,gushobora kumucira n’amatara canke guhagarika imashini zitanga amafranga ku ma banki, gutera ubwoba umuntu canke kumuhohotera bakoresheje inyandiko n’ubutumwa butari bwo,vyose  birashoboka nk’uko umengo bakoresheje amakuru ari yo. Ubu buryo rero buri mu bibangamye vyo ku rwego rwo hejuru muvyo kubangamirwa.

 Muri iyi nkuru naho tugira tubabwire ibangamigwa ridateye ubwoba cane mugabo ntimuce mwiyumvira ko ata bugizi bwa nabi bwinyegejemwo.

Amarobo akoreshwa muvya gisirikare. Ibi bituma twiyumvira ko izo robo ari zo zigenzura ibigwanisho vyokora ubugizi bwa nabi ariko biragoye gushikako kuko ibikoresho vya gisirikare biragoye gushikira kandi biracunzwe cane.

Abapfungakiwani. Ubu buryo bwerekeye kugurisha imirimo, ubuzi, ubuhinga hakoreshejwe ubwo bwenge ndengabuntu. Aha haboneka abasuma benshi. Abo bapfungakiwani barashoboye kudandaza ubuhinga bwinshi butari bwo ku mahinguriro azwi cane. Barashoboye kandi no kubugurisha ku ma reta canke ku bisirikare vy’ibihugu.    

Kunyegeza ivyawe. Igisoda ca Ukraine nticakoresheje ubwo bwenge mu gucuvya abacunze ikiraro ca Crimée. Canyegeje ibibombe mu bimwanya ku buryo abacunze,abaraririye uburusiya badashobora kubibona. Ukwo kunyegeza kandi kurashobora guhindura canke gukoresha ubuhinga kugira ushikire ivy’uwundi. Bifasha nk’akarorero ko ibigwanisho bitagushikira hanyuma hakaboneka abazana imitahe muri vyo. Gutera hakoreshejwe ubwo bumenyi

Ubwo buryo bukoreshwa mu kugaba igitero ku mugwi usanzwe uzwi canke ku bantu benshi. Bufasha mu kumenya ingene vyubatswe,aho bigoyagoya imbere yo kugira ibitero vyinshi kandi vyisubiriza.

Utudege dutoduto two kugaba ibitero kandi twidegemvya canke twikoresha. Igikorwa ni ico kutwigarurira. Kutwigarurira ni kimwe, kudukoresha ni ikindi. Batwigarurira kugira badukoreshe mu kugaba igitero. Turashobora gutikiza, kwonona vyinshi iyo hari ibintu n’abantu biri hamwe. 

Kwanka ivyinjira canke ibikoreka.  Burashobora gusambura canke kubuza ababukoresha  imirimo ijanye n’ubutunzi, ubuzi, imirimo ya reta canke mu vy’imibano. Naho ataco bwinjiza, bugukurako iteka, ubwizigigwa mu kukwararaza. 

Gutora isura y’umuntu. Ubwo buhinga burashobora gukora indangamuntu zitari zo kugira bishoboke bakoreshe amatelefone ngendanwa y’abandi, bakoreshe ivyuma bicunga ivyabo canke abarengana (ingenzi). Kugira babishikeko, ubwo buhinga buhindura uko busanzwe bukora mu kumenya amasura (ishusho) bakoresheje ubwo buhinga ndengerabuntu.

 Guhindagura amasoko mu vy’ubutunzi. Icatumye abashakashatsi babushira mu mugwi uteza uruhagarara ku rwego rwo hejuru, ni uko bushobora kwononera amabanki n’amasoko y’ubutunzi. Bwokoreshwa kandi mu kwononera abakeba mu rudandazwa, kugabanya canke kuduza ibiciro mu majambo make kuteza akajagari mu butunzi.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.