Bitcoin muri myandagaro 2023: Ukwezi kw’igihuhusi.

Amakuru si meza na gato kuri Bitcoin muri uku kwezi kwa Myandagaro (8) naho hari abatabibona uko nka Tom Lee we avuga ko Bitcoin igiye kuba mu bihe vyiza mu misi iri imbere (mu misi igiye kuza). Tom Lee agwana avuga ko igiciro ca Bitcoin kizoshikira urugero rwamahera ibihumbi ijana na mirongana vy’amadorare (150000$) mu myaka iza mugabo adatanze igitigiri cayo.

Inyuma y’indwi ibiciro vy’amafaranga yo kubuhinga ngurukanabumenyi biri hasi, igiciro ca Bitcoin nticahindutse, cagumye kumafaranga ibihumbi mirongo ibiri n’abitandatu vy’amadorare (26,000$). BTC yamaze indwi y’umubabaro, y’ubuhombe bw’ibice cumi nakimwe kw’ijana 11%. Mu kwezi kwose yarakorotse hafi ibice cumi nabitatu kw’ijana 13%. Bitcoin na Ethereum zose uko ari zibiri zarakorotse gushika kubice bitatu kw’ijana ri 3% mu ndwi imwe gusa. Umengo Ethereum yo yoba yarifashe muri ivyo vy’agahombo kababaje rwose. Haheze indwi y’umudurumbanyo ukomeye watumye Bitcoin imanuka gushika munsi y’urugero rwa 25,000$ icaciye cibutsa igihuhusi co mu kwezi kwa (Ruheshi) (6), BTC iratanguye kudugaduga. Ubwizigigwa muvy’amasoko buriko buribonekeza kandi n’agaciro ka Bitcoin kariko karigaragaza

Abaguzi n’abashora baratuje mu masaha menshi agaciro kegereye ibihumbi mirongo ibiri n’abitandatu vy’amadorare 26,000$. Abahinga biyumvirako ishobora kwivyukiranya guhera aho nyene. Muri uwo mwanya nyene agaciro ka Bitcoin karashobora kuduga gushika kuri 26,700$. N’amasoko ashobora guhungabana bituma Bitcoin isubira kumanuka gushika ku rugero rwa 25,000$. Agaciro ka Bitcoin kazofata umwanya kiyumvira urwo ruhombo runini rubaye giturumbuka imbere yo gusubira gukora. Abaguzi bakwiye kuvyizera. Uko kwizegwa ni ko kuzoduza ako gaciro kayo.

Inyuma y’indwi y’agacamugongo, Bitcoin yahejeje ishitse ku rugero rwa 26,000$. Ako gaciro gatuma ibandanya yiyungunganya naho komanuka gushika nko kuri 25,000$. Bizobandanya naho bizoba biri hagati ya 29,000$ na 31,500$. Iyo uriko ukorera muri ibi vy’amafaranga ngurukanabumenyi, umera nka bamwe baduga imisozi ba barusiya. Baraduga gushika hariya hejuru mu mataba atangaje y’imisozi imbere yo guhuruduka bimwe vyotera ibizunguzungu. Ico twokwibaza ni mbega tuzoduga ubudugo ubuhe canke tumanuke ubumanuko ubuhe na Bitcoin muri kuno kwezi kwa (8) Myandagaro 2023?

Ni vyo hari ibintu vyinshi bituma ihindagurika rya Bitcoin. Ibintu bikurubikuru bituma ihanahana rigenda neza biva  ukuntu abakoresha Bitcoin baryizera. Kugira bishikweko, hari ibindi vyiyongerako nk’ubuhinga buteye imbere canke ikoreshwa rya Bitcoin n’abadandaza hamwe n’abasumyi, ingene amareta abitunganya, ibintu bibera muri ako karere haba mu vya politike canke vy’ubutunzi be n’ihiganwa rya Bitcoin n’ayandi mafaranga ngurukanabumenyi.

 Kuvuga kare igiciro Bitcoin izoba iriko muri kuno kwezi kwa (8) Myandagaro 2023 biragoye kubera ibituma vyinshi bishobora gufatigwako kandi n’abahinga ntibabihurizako bose. Kwicungera vyoguma biri inyifato mu ntango y’ukwezi kwa (9) Nyakanga.

Ku rubuga rw’ihiganwa, iterambere y’amasoko y’amafaranga ngurukanabumenyi rizogira ico rihindura ku giciro ca Bitcoin. Ethereum iguma mu kibanza ca kabiri kubera umutahe wayo ibandanya ikura kandi yunguka mukumenyekana. Izindi mbuga z’aya mafaranga nka Cardano na Polkadot zishobora guhiganwa na Bitcoin. Dogecoin canke Shiba  nazo zaramenyekanye kandi zarakweze abagwizatunga benshi.

Nta nzu iriko irasha muri Bitcoin. Gusa hariho ingorane muri kuno kwezi kwa (8) Myandagaro. Kuko abacungera ivy’aya masoko y’amafaranga biyumvira ko Bitcoin atakizoyihungabanya cane. Hari utuntu twagiye turayishikira ariko izoshobora gusubira ku rugero rwo hejuru yariko mu mezi ari imbere.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N