NFT izotuma haboneka inyungu vyukuri mu misi iri imbere ?

Muri uru rukurikirane rw’insiguro ku mafaranga aca mu buhinga bwa none, twarongeye kubaha  insiguro nshasha yayo. Twarababwiye ko ari amafaranga adakozwe mu kintu ushobora gufata mu minwe, ko ava mu bigenga (mubikorera utwabo) kuko adatangwa na reta, ibanki nkuru y’igihugu canke ishirahamwe ry’amafaranga ryegamiye reta. Twarabibukije kandi agaciro kayo. None ako gaciro k’iryo faranga rica mu buhinga bwa none ni iki ?

Agaciro k’iryo faranga kagizwe imbere ya vyose n’ukuntu ryamenyekanye kandi abarikoresha bakaba benshi. Iri faranga rikomera, rigira agaciro iyo rifiswe n’abantu benshi. Iyo kandi abantu benshi barikoresha k’ibimenyetso vyabo mu kugura ivyankenegwa canke mu mirimo ya misi yose.

Ayo mafaranga aca mu buhinga bwa none angana na 10% yahanahanwe mu kuriha imirimo iguma yiyongera mu gukoresha ubu buhinga ngurukana bumenyi. Twovuga ko urubuga ruguma rwaguka mw’ikoreshwa ry’aya mafaranga ruzotuma amafaranga y’agaciro ngurukana bumenyi aba ubundi buryo bwo kuriha.

Muri runo rwandiko tugira tubabwire NFT. None NFT ni iki ? Mbega irashobora gukoreshwa mw’igwizatunga ryizigiwe muri kazoza. Twoshobora kuvuga ko NFT ivugwa mu ma nama y’ihanahana ry’ivyiyumviro ku mafaranga aca mu buhinga bwa none kandi abagwizatunga bakabinezereregwa. Aho rero ama NFT ni ibimenyetso bikoreshwa nk’ayo mafaranga kandi bizwi n’ubuhinga Blockchain.

NFT si ifaranga ngurukana bumenyi kubera ntashobora guhanahanwa kurya kw’ayandi akoresha ubuhinga bwa none afise agaciro (1BTC=1BTC),1NFT ntiringana n’irindi NFT kuko i NFT ryose ryisangije akaranga karyo. Rimwe ryose ryisangije ikiriranga, umukono uriranga umwe, uwarishizeho umwe n’ico rimaze kimwe. Ariko rero NFT nayo nyene afise agaciro gakoreshwa mu bugwiza tunga canke mu kuronka inyungu. Ntakora aho honyene. Arakoreshwa muvy’akaranga, mu nkino no mu yindi mice myinshi.

Indangurakintu ya NFT itanzwe, ubushobozi bwayo mu kugwiza itunga bugasigugwa, ikibazo dusigara twibaza ni uko NFT rizobandanya ryizerwa mu myaka iri imbere.

Ivyigwa vyose vyakozwe kuri NFT biremeza ko 95% y’ama NFT adafise agaciro kaboneka muri kano kanya naho twemeje muvyo twavuze kare ko yakoreshejwe mu migwi y’abagwizatunga. Nivyo ryaranejereje abagwizatunga kandi ryarerekanye ko rifise kazoza.

Ama NFT canke ivyo bintu bigoye guhanahanwa birafise akamaro mu gisata kiraba amafaranga akora mu buhinga bwa none kuko atuma haza une ikoreshwa y’ibintu bifadika canke biciye muri ubwo buhinga bwa none.Vyatumye haboneka ikirere gituma ibikoresho, ibigurishwa bishobora guhanahanwa hakoreshejwe Blockchain. None tworondera umwimbu,inyungu mu ma NFT?

Turabona ama NFT mu gisata c’imico kama. Ibintu bibajwe, bikozwe mu tugenegene bitaboneka cane mw’ikoreshwa ry’ama NFT. Igihe ama NFT yari ku rwego rwo hejuru turibuka amakarata TOP SHOT NBA yari yarabitswe, yarashinguwe canke igurishwa ry’ibintu vy’utugenegene nk’akarorero utwa beeple canke izindi nka Art Blocks Curated kwa Cristie’s

Ikindi gisata gikomeye mw’ihinduka rya vuba ry’ama NFT ni inkino za video zuguruye inzira nyinshi kugira zironkere ivyo bindi bikoresho bidahanwahanwa bwa mafaranga. Muri ico gisata, birashoboka kugura canke kurangura ibikoresho ukoresheje ivyo vy’inkino, mbere n’amazu akajamwo. Sandbox na Enjin ni inkino zikundwa n’abantu benshi, naho twoba turageza kuri izo zibiri gusa. AxieInfinity, Sorare, Gods Unchained, illuvium na Alien Words nazo nyene ni inkino za video NFT zikundwa na benshi.

Ama NFT arakoreshwa no mu vy’inkino, mu vyo kwinonora imitsi. Inkino zimwe NFT nka Sorare zirakoreshwa mu gushiraho ibicuruzwa canke imirimo bishasha, bigatanga uburambe, ubumenyi bwiharije ku babikunda.

Ama NFT aboneka mu bisata vyinshi. Urayasanga mw’itunganya, mw’ikoresha ry’ibintu, mu muziki, mu mareresi, mu burenganzira bwo kwigabira ibintu nk’amazina ya hantu mu matike y’indege canke ibiteramo…. canke uburanga rurangiranwa bw’ibintu vy’agaciro. Biraboneka neza, biratomoye ko NFT itataye ubushobozi bwo gutanga inyungu ku bagwizatunga.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.