Amajambo akoreshwa mu vy’amafaranga aca mu buhinga bwa none: Amajambo ngenderwako yo gufata ku mutwe kubwa Cafe de la bourse, Ikinyamakuru gica ku mirongo ngurukanabumenyi.

Urwandiko duheruka kwandika ku mafaranga aca mu buhinga bwa none bwakoze  ku ma NFT n’ubushobozi bwayo mu kugwiza itunga muri kazoza. Dufate ko ama NFT ari ikimenyetso canke ibiceri, ibingorongoro baha agaciro bikoreshwa mu buhinga bwa Blockchain. NFT si ifaranga ngurukana bumenyi kubera ko   ama NFT adahanahanwa nk’ayandi bisigurako 1NFT ntiringana n’irindi NFT. Ryerekana ibimenyetso vyaryo biriranga kandi ryikwije ukwaryo, riserukira ikintu kimwe kandi n’uwarishizeho ni umwe,n’ico risigura, akaranga karyo ni kamwe.

Ariko ama NFT ni imitungo ica mu buhinga bwa none ifise agaciro k’amafaranga ushobora gukoresha mu kugwiza umwimbu canke mu kuronka inyungu. Muri ako kanya nyene muze mumenya ko ama NFT adakoreshwa gusa mu bisata vyo kugwiza gusa. Ni n’ubuhinga bukoreshwa mu mice itandukanye nko muvyo utugenegene, inkino n’ibindi vyinshi.

Muri runo rwandiko tuza kwibanda cane ku majambo dutegerezwa kumenya kugira dutangure ibijanye n’amafaranga aca mu buhinga bwa none. Kugira dutegere neza isi y’aya mafaranga tubanza kumenya bitcoin. Ni ryo faranga rya mbere ryakoresheje ubuhinga ngurukana bumenyi ryamenyekanye kw’isi muri 2008. Niryo riza imbere y’ayandi. Rifise ibice 45% vy’ama faranga yose aca mu buhinga bwa none yose agiye hamwe. Ni yo aganza ayandi kw’isoko. Ni mu bihe vy’agaciro karyo Tesla ko bitcoin yakomeye guhera nka 2020

Ikindi twomenya kandi ni blockchain. Ni uburyo butuma ubuhinga bwose bukoreshwa mw’ihanahanwa ry’aya mafaranga ngurukana bumenyi buja hamwe. BLOCKCHAIN irafasha kubika no kurungika amakuru akenewe mu guhanahana kandi ku mugaragaro no mu mutekano ata rundi rwego na rumwe baciyeko ngo rubagenzure. Tubivuze neza,ni nk’igitabo baharuriramwo umutungo gidashobora gusubirwamwo.

Hanyuma haza cryptographie ari ikigabane c’ibiharuro kijejwe gutorera inyishu ikintu cose giharurwa mw’isuzumwa canke mu gushira umutekano ukwiye mw’ihanahanwa rikozwe kuri blockchain.

Hari kandi ijambo ryanditswe mu mpfunyapfunyo DeFi rivuga Decentralized Finance «finance décentralisée» mu gifaransa ishiraho umugwi w’ubuzi bwinshi mu vy’ubutunzi hakoreshejwe blockchain ata bandi barinze gucako. DeFi ifasha mu gushiraho uburyo bukoresha amafaranga n’ivy’ubutunzi bwigenga butarinda gutabaza amashirahamwe y’ubutunzi ya kera. Ubuhinga izwimwo cane ni guhanahana amahera biciye mu buhinga bwa none hamwe no kuguranana.

Urubuga exchange narwo rufasha hamwe guhanahana, gukabukanya ayo mafaranga ahandi kugura canke kugurisha hakoreshejwe ifaranga rizwi n’amategeko. Imbuga zimwe nk’izo nka coinbase zituma ayo mahera abandanya,aguma akora.

Fork yavuye mw’itandukana ry’imigwi ibiri itumvikanye mw’ikoreshwa ry’ubuhinga blockchain. Ukwo gutandukana,uko kwigabura vyatumye havuka irindi faranga rikoresha ubuhinga bwa none rikoresheje irya kera. Ayo abiri arakorana neza kandi iryo rishasha ntaco ryononera irya mbere. Irizwi cane ni fork ryavyaye bitcoin cash mu 2017 kandi ntirishobora kwigereranya nk’irisubirizi rya Bitcoin.

FIAT ni ifaranga ryashizweho n’Ibanki Nkuru kandi rifise agaciro kazwi n’amategeko mu gihugu kimwe canke vyinshi nka Euro, Idolari, Iruble….

ICO ni uburyo bushasha kuri sosiyete iyari yo yose igomba kuduza ubutunzi bwayo mu gusohora,gutanga ibintu bimeze nk’ibiceri baha agaciro mu kibanza co gusohora imitahe myinshi iri mu minwe y’abanywanyi.   

Minage ni ijambo ryo gufata ku mutwe muri iyi si y’amafaranga akoresha ubuhinga bwa none. Rivuye mu rivuga Miner. Risigura ubushobozi bw’imashini nyabwonko ko ishobora kwemeza canke kuduza, kwongereza ihanahana kuri blockchain. Uwabikoze nawe aca yunguka mu gukoresha ivyo bikoresho bahaye agaciro.

PSAN, aba PSAN ni abakozi bajejwe imirimo ijanye n’imitahe ica mu buhinga ngurukana bumenyi. Mu yandi majambo ni abantu bakora mu vy’ubutunzi berekana imirimo itandukanye yerekeye ubugwizatunga hakoreshejwe ayo mafaranga ari ku rubuga, ariko arakora hakoreshejwe  ubuhinga bwa none. Kubwa AMF yakoze amategeko kugira akurikirane neza igugwa n’igurisha canke ishingugwa,ibikwa ryayo. Hari ingero zibiri zitandukanye muri PSAN: kwandikwa ni itegeko ariko kwemeregwa ni ibisanzwe.

Kubika urutonde rwaba PSAN bose ni itegeko kuko bakora igikorwa canke ibikorwa bikurikira:

– Kubika imitahe y’abantu mu buhinga bwa none.

– Igura / Igurisha ry’imitahe iri mu buhinga bwa none mu mafaranga afise agaciro kazwi na reta canke mu mitahe yindi (kuhuza umuguzi n’uwugura)

-Gukoresha urubuga aho iyo mitahe y’amafaranga ari mu buhinga bwa none ivugigwa,iharirigwa  (agaciro kayo)

-Gukoresha iyindi mirimo nko kwakira canke kurungika ibijanye n’ayo mafaranga bigakoregwa n’abandi, gutunganya, gukoresha ku bandi, gutanga impanuro, kuziganya mu mutekano canke atawo.

Aya majambo ntawoyavuga ngo ayamare. Harasigaye ayandi ngendegwako tuzobasigurira mu nyandiko zizokurikira niyo abajejwe ivyandikwa babona ko bikenewe. 

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.