Nosigurira gute Mawe atazi kwandika n’ugusoma icari co ubwenge ndengabuntu?

Mawe ntiyigeze aja kw’ishure. Ntazi gusoma no kwandika. Uko ambonye imbere y’imashini nyabwonko aratangazwa, mbere akumigwa n’aka kayo gato kamfasha kwandika no gukurikira kuri interenete ibintu vyinshi ku rubuga. Umwanya wose abonye ntanguye gukora ntahengeshanya kumbaza ati ako kantu ni agaki kagutwara umusi wose? Ndamwishura nti ni akamashini gakora nk’ubwonko bw’umuntu. Aca yitwengera ambwira ko ngwaye mu mutwe  canke ndiko ndamukindaga?

Umusi umwe yajanye n’umuhungu wanje mu kibanza abana bahuriramwo kugira banezegwe canke basamare, aca abona irobo imwakira, ivuga nk’umuntu imwereka aho atumbera. Aca amenya ko iyo robo ikoreshwa n’ubwenge ndengabuntu. Ashitse imuhira yaciye antumbera ambaza ati: «wewe wama umengo umatanye n’imashini nyabwonko yawe urashobora kunsigurira ubwo bwenge ndengabuntu icari co?»

Ndababwiye ko gusigurira umuntu ata na kimwe atahura muri ivyo bintu atari icoroshe. Bigoye gusumba kubisigura igihe uwo muntu ataco azi muri ibi vy’ubuhinga ngurukanabumenyi. Mawe ntazi gusoma no kwandika. Ntiyigeze araba amareresi wobona nk’indoto, nk’ibintu bitoshoboka kubaho. Sinashobora kumenya ngo mbega mpera hehe. Nka karorero iyo uronse nk’urwandiko kuri GMAIL, yo ifise inzira nyinshi zo gutanga inyishu, haba hakoreshejwe ubwo bwenge ndengabuntu. Netflix idufasha kuronka (kubona) amareresi nayo nyene nibwo ikoresha. Guhindura mu zindi ndimi bikorwa kuri Facebook ni ho bubarizwa. Ariko Mawe muri ivyo vyose nta na kimwe azi (atahura). None ndabimusigurira gute? Kandi ntampa agahengwe. Aguma ambaza uko iminota cumi iheze.

Mu nsiguro zose zumvikana zatanzwe kuvyerekeye ubwo bwenge ndengabuntu iyumvikana gusumba izindi ni iy’umufaransa yitwa Yann LeCun ari mu bihangange vyo hejuru kw’isi muri ubwo bwenge. Iroroshe kandi ikongera igatomora. Reka niyumvire neza hanyuma ndayihindure mu rurimi rwanje kavukire Ikirundi nishimikije insiguro canke indangurakintu vya Yann LeCun: «Ubwenge ndengabuntu ni ubuhinga buha ubushobozi imashini bwo gukora imirimo canke gutora inyishu z’ibibazo vyokozwe n’umuntu canke ibikoko bimwebimwe». Mu yandi majambo nabwiye Mawe ko ari imashini zishobora kumenya mu maso hiwe canke h’umuntu uwari we wese, mushobora gukina ikarata, zishobora gutwara imodoka, guhindura ururimi k’akarorero mu Kirundi ushira mu Kiswahili, kuyaga ukoresheje terefone….Ivyo ni ibikorwa ubu bigirwa n’imashini naho bishika rimwerimwe ntizibikore neza cane.

Mawe yaratangaye cane aca ambaza ati: «Ni gute imashini ishobora gukora ibikorwa nk’ivy’umuntu?» Ubwo mba mbonye ko ikibazo nyamukuru ari ic’ingene ubwo bwenge ndengabuntu bukora. Kandi ikibazo ciwe cari gitomoye. Kugerageza kubimusigurira ntivyari vyoroshe, harimwo intambamyi. Birashoboka ko mudahuza n’uwo muriko muravugana (murayaga). Kuri Mawe ho vyari birushirije kuko ata kintu na kimwe yari azi kuri ibi vy’ubwenge ndengabuntu, yaravyumvise ubwa mbere haheze imisi mike. Rero ni ukugeregeza kuvyorosha cane.

Mawe ategerezwa kwama azirikana (ategera) ko ubumenyi buri mu bantu. rero kugira imashini zigenze nkizifise ubwenge, zitegerezwa kugira ubumenyi. Dutegerezwa kandi kuziha ubwo bumenyi. Hari uburyo bwinshi bwo kubikora. Hari ubuzwi cane ni nko kuyibuha ukoresheje iminwe. Muri ico gihe imashini ikora ivyo wabanje kuyitamika. Aho irashobora kwishura ivyo uyibwiye vyose, iba imeze nk’igikoresho wahaye ivyo gikora mbere.

Ni co gituma kugira twongereze ubushobozi bw’imashini twateye intambwe mu gukoresha ubwenge ndengabuntu turora mu vyo twokwita ubumenyi bwigenga, bwikoresha. Ni gutegura imashini kwiyigisha yo nyene. Nk’akarorero ugomba kwigisha umwana uko akayabu kameze, umwereka ibitabu vyinshi birimwo amafoto menshi y’ubuyabu. Uwo mwana aca amenya ningoga ico akayabu gakora (kamaze). N’imashini irabishobora, mugabo ubanje kuyereka, gushinguramwo ibihumbi n’ibihumbi vy’amashusho. Nico gituma bavuga ko ibintu vyinshi iyo biri mu mashini ari nk’igitoro c’ubwo bwenge ndengabuntu.

Kwikoresha kw’imashini bisaba ko haba hariyo utwuma dutoduto duharura kandi tukagira ubushobozi bwo guhindagura uko bukorana hagati yabwo. Utwo twuma dutoduto turatandukanye tukamera nk’udutsi dukorano kuko dukoze nk’utwo ubwonko bw’umuntu. Iyo rero butanguye gukora tuvyita ubumenyi bwimbitse.

Muri iyi misi ya none, ubwo bumenyi bwimbitse niyo soko y’ibikorwa vyose ngirakamaro mu bwenge ndengabuntu. Nkora kugira Mawe amenye ko ubushakashatsi bubandanya kandi butera imbere ningoga kugira ubushobozi no gukora neza vy’ama mashini vyisununure (vyiyongere). Iyindi ntambwe nshasha muri ubu bumenyi izoba kwongereza ubumenyi. Muri ico gihe imashini uyiha ibintu vyinshi ikora hanyuma «ukayishimira» iyo ikoze ico wayitumye.

Izo nsiguro ahejeje kuzironka, Mawe yambwiye ko yabitegereye. Yambwiye mu majambo make ati: «Imashini irabika ibintu vyinshi umuntu ayiha mugabo iyo uyisavye ngo igukorere ico isanzwe yararonse (ifise) igikora kenshi gashoboka kandi ikabikora ku murindi umuntu atoshobora».

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.