Ubutungane bwa Amerika burafashe ingingo, Binance iri ku ntonde.

Ubutungane bwa Amerika busohoye kandi inkoni nini kugira buhane ishirahamwe rikomeye gusumba ayandi mw’ikoreshwa ry’amafaranga aca mu buhinga bwa none, Binance. Ryategerezwa gutanga amande y’imiliyaridi 4,3 y’amadolari. Ryagirizwa kuba ryararenze amategeko ya Amerika mu bijanye n’uburyo butandukanye bwo guhanahana amafaranga. Amashirahamwe abiri akomeye abirimwo ni SEC na CFTC ariyo yayitwariye mu butungane ayagiriza ko yorohereje canke ikareka ikoreshwa ry’amafaranga n’imigwi yabagizi ba nabi (y’abicanyi).

Amazu yo muri Amerika ajejwe gutunganya iryo hanahanwa, yagiriza Binance ko itafashe ingingo zibereye (zikenewe) zo gucunga kugira abo bagizi ba nabi ntibakoreshe izo mbuga muguhanahana amafaranga. Abanywanyi ba Binance barashobora gukoresha urwo rubuga hatabaye isuzumwa na rimwe ry’uburangamuntu bwabo. Abajejwe itohoza muri SEC na CFTC  bagiriza Binance ko itigeze ifata ingingo zo gukinga ihanahana ry’amafaranga ryakozwe n’imigwi nka Etat islamique, al-Qaἵda canke n’abandi nka Ezzedine al-Qassam umugwi witwaje ibigwanisho wa Hamas.

«Kubera itashizeho ingingo zituma abagizi ba nabi badahanahana amafaranga avuye mu kibi, Binance  yatumye abakora ubugizi bwa nabi bakoresha urwo rubuga mu guhanahana amafaranga» nkuko abajejwe ubutunzi bwa Amerika babisigura.

Nkuko abajejwe itohoza mu kigega c’ubutunzi bwa Amerika babivuga,amafaranga aca mu buhinga bwa none akoreshwa umwanya wose n’imigwi y’inkorabara kugira barungike imitungo yabo. Igisata kiraba ivy’amafaranga aca mu buhinga bwa none ntaco gikora kugira ubu bugizi bwa nabi buje ahabona nkuko bikorwa mu banki ya kera kuko yo akurikiza amategeko aremereye

«Kuva igitangura, Binance n’uwayitanguje Changpeng Zhao bamye bashira imbere (bitwararika) iterambere hamwe n’itunga ryabo bwite aho gushira imbere amategeko ajanye no guhanahana, ataco banezwe ku bijanye n’ikoreshwa ry’amafaranga mu bugizi bwa nabi» nkuko umushikirizamanza Tessa Gorman yabivuzeko mw’itangazo. Itohoza ryarerekanye kandi ko inyuma ya 2019 aho Binance itanguriye gukumira abanywanyi b’abanyamerika kuri urwo rubuga yagumanye abafise imitahe bakerebutse (b’abakozi) kugira umutahe wisununure kuri urwo rubuga.

«Aho Binance itanguriye gukora, nta bikoresho vyo kuraba ko ikora ikwije amategeko yari ifise nkuko vyategerezwa kuba bimeze», uko niko yisiguye mu butumwa yashize ku rubuga rwayo. «Yaremeye ico yise inyishu zibabaje» kandi iremanga «ko ivyabaye vyose ibifisemwo uruhara» kugira ivyabaye bizomenyekane.

Kubwo ikinyamakuru Wall Street, harabaye amasezerano hagati ya Binance n’abategeka Amerika yerekeye igenzurwa ry’amasoko y’ubutunzi. Ayo masezerano aha uburenganzira Changpeng Zhao yo kuzokwama ari umunywanyi wa Binance. Zhao ni umunyagihugu wa Canada yavukiye muri Chine. Muri ayo masezerano nyene Binance yiyemeje imbere y’abategetsi ba Amerika kwemera ko bamucunga, mu gihe c’imyaka itatu, bakoresheje umuhinga avuye ahandi kugira yemeze ko ibikorwa bikozwe neza bikurikije amategeko. Zhao yemere kandi gutanga imihoho kandi yemange ko yakosheje kugira akize (akingire) urwo ruhuga. Iryo tanga ry’imihoho ryahagaritse amatohoza yariko arakorwa haheze imyaka itari mike ku butunzi bw’uwa mbere mw’isi mwikoreshwa ry’amafaranga aca mu buhinga bwa none. Umuyobozi mukuru wa kera wa Binance yaremeye gukorana n’ubutungane kugira atorere umuti ubereye ivyo yononeye ishirahamwe ryiwe.

 Muri ako kanya nyene Changpeng Zhao yategetswe kuriha amande y’imiliyoni 50 z’amadolari no gushobora gupfungwa amezi 18 y’agasho. Iyo ngingo ihambaye ishobora gusomwa muri Ruhuhuma 2024. Changpeng Zhao nta mugambi wo gushiraho urundi rubuga. Avuga ko anezerejwe n’iyo imwe. Uwo mu mugwizatunga wa kera wa mbere wa Binance ariyumvira ko bishoboka guhanura abagwizatunga bakiri bato. «Vyanse nkashobora nkababwira ico batokora».

Inyuma ya vyose ni Richard Teng, uwahora arongoye ivy’ubutunzi i Abu Dhabi akaba ariwe atwara amasoko mu burere Binance ikoreramwo agiye gusubirira Changpeng ku buyobozi bukuru. Zhao arakuwe mu mirimo yose ya Binance.

Ni ikindi kintu gikomeye gishikiye iki kigabane c’amafaranga ahanahanwa ku buhinga bwa none. Ubwizigirwa bw’amafaranga aca mu buhinga bwa none burahungabanye inyuma y’amezi abiri gusa Sam Bankman-Fried, uwashizeho FTX, amenyekanye ko yakoze forode no kwiba amahera y’abanywanyi hanyuma imitahe igahomba. Birumvikana ko agaciro k’amafaranga akomeye mw’ihanahanwa kamanutse cane aho bumviye ko Changpen Zho atangiye imihoho hagakurikigwa no gukatigwa kwa Binance n’ubutungane bwa Amerika. Tuzobigarukako hanyuma.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.