Isoko ya Bitcoin na Ethereum muri 2024.

Uko impera z’umwaka zegereza, ni ko abahinga babandanya baraba kazoza katabona iyo ibintu biriko biraja, ariko bitwenza vy’aya mafaranga akoresha ubuhinga bwa none. Hari iyitwa VanEck. Ni ishirahamwe rikoresha ayo amafaranga kandi ryubahitse muri uwo murimo. Ryaradusangije ibigiye kuba, ibitegekanijwe vy’umwihariko mu 2024. Ivyo bitegekanijwe biraba ibibazo vy’iyemezwa rishobora kuba rya ETF bitcoin n’ibiriko birahindagurika ku ma Altcoins na NFT.

Ubwo buhinga bwa VanEck buratanga imbono nziza cane kubigiye kuba mu mwaka uza. Tutarengeje urugero, igikorwa c’ishirahamwe VanEck ca 2024 kizoba nk’urumuri rumurikira abantu bose bashaka kuja muri iyi si ikoresha amafaranga aca mu buhinga bwa none kandi buguma buhindagurika umwanya ku mwanya. Igice ca mbere c’iki kigabane kiza kwerekana ubushobozi, ico ama Bitcoins na Ethereum vyashitseko. Igice ca kabiri kiza gushira inguvu ku kuntu ayo mafaranga aca mu buhinga bwa none yagiye aratera imbere.

Nko kubibutsa ETF bicoin, bita kandi Fonds Négocié muvya Bitcoin ni irindi koreshwa ryamutse kuri Bitcoin. Akoresheje ETF umugwizatunga arashobora gusaba ama Bitcoin ku masoko naho yoba adafise ayaca mu buhinga bwa none. NFT yo ni ikimenyetso kidakabukanwa gishinguwe kandi kizwi n’amasezerano ya Blockchain hanyuma ugushobora kugitora ukoresheje ubuhinga bwa none.

Ishirahamwa ritunganya iyo mitungo ryerekanye ko muri kazoza ubutunzi buzoduga bukebuke n’ibimenyetso bivyerekana. Muri kano kanya no muri ibi bihe, bivugwa canke birindiriwe ko muri Reta Nzunze Ubumwe za Amerika hemezwa rya ETF. Ico ni ikintu gikomeye nkuko ubutunzi bwa Amerika bugoyagoya buca imiliyaridi zibiri n’imiliyoni amajana ane y’amadolari (2,4 imiliyari z’amadolari) aciye mw’ihanahana ry’ama ETF mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2024. Kubwo abahinga bakurikirana ibiriko biraba, bizotuma agaciro Bitcoin kaguma  hejuru ya 30000$.

Iryo hanahanwa ry’ubutunzi rigiye gutangura ku rugero rw’umumiliyaridi w’amadolari kuko ETF riri arrimé ku nzahabu.  Mu mpera z’amezi atatu ya mbere hazoba habonetse imiliyaridi 2,4 aje gufata mu mugongo ayahahora. Tubivuze muri rwinshi, harategekanijwe inyungu zihuta zigiye gufatwa z’amaETF. Rimaze gushika aho ryigeza, rishobora kuba ryoronka 1,7% y’isoko ryose, angana imiliyaridi y’amadolari 40,4 mu myaka ibiri ya mbere rikora.

Hari n’ibindi bituma abahinga bamwebamwe b’ishirahamwe VanEck biyumvira ko agaciro ka bitcoin gashobora kuduga cane. Ivyo babikura mu mwizero ko amatora azokorwa mw’isi azogenda  neza, ibituma ubutunzi busubira hasi bigahera, eka mbere n’ibindi bishoborakuzana impinduka tutiteze. Turizeye ko ivyo bizogenda neza, nivyaba vyo, bitcoin izoduga ishike ku rugero rwayo rw’akataraboneka rw’amadolari  100 000 muri Kigarama 2024. Ntitwibagire kandi ko bitcoin ishobora gukundwa n’ubundi burere nk’ubuseruko bwo hagati bwa Aziya, Aziya yose na Amerika y’epfo. Akarorero ka Argentine karatomoye. Gishobora kuba igihugu kigira gatanu cemeye gukoresha amafaranga aca mu buhinga bwa none ku rugero rw’igihugu.

Ibimenyetso vyerekeye Ethereum biragaragara.Muri 2024 Ethereum ntirizoshobora gusumba Bitcoin. Ariko rirashobora kugumya ikibanza caryo ca kabiri mu mafaranga akoresha ubuhinga bwa none akomeye. Rirashobora no kurengera ayandi. Ariko, turavye uko abahinga babivuga, umwaka wa 2024 uzoba ugoye kuri Ethereum. Rigiye gutakaza amasoko atari make biciye ku ngorane zo kuritunganya. Iyindi mihora nka karorero Solana izohatorera akoyokwe, akarusho kanini.

Naho hari ibibazo bizoshira mu kaga Ethereum, rizoguma rifise ubushobozi bwo kurengera Bitcoin mu gukora neza. Ariko ako karusho ntikazomara umwanya munini igihe hatiyumviriwe iyindi myiteguro kw’isoko.

Abandi bahinga babona ko ari mw’ishingwa rya EIP-4844 canke protodanksharding hari inyishu mu gice 2 ca Ethereum ko rizoja hejuru y’ama TVL, ari ingero y’urupimo rw’amafaranga aca mu buhinga bwa none ashinguye ahantu canke yugaranywe. Inyishu zibiri zikomeye zirindiriwe: ukwongerekana muvyo gukorana kuvy’ubuhinga ngurukana bumenyi (EVM) bukora mu gushira mu ngiro amasezerano aciye mu makuru atangwa kuri Ethereum. Kandi amafaranga akoreshwa mw’ihanahana agabanuke, navyo bizotuma gucungera vyongerekana hanyuma amafaranga ahanahanwa yongerekane.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.