2024 Umwaka w’ibihuhusi mu gisata c’amafaranga aca mu buhinga bwa none.

Tubandanya imisi yose n’integuro y’ishurahamwe VanEck ku kwisununura, gutera intambwe kw’amafaranga aca mu buhinga bwa none muri uno mwaka ugiye gutangura wa 2024. Mu nkuru  twashize ku rubuga kubizoba ku mafaranga aca mu buhinga bwa none ari kw’isunzu ryayandi mu kamaro no mu kugwiza imitahe aha tuvuga Bitcoin na Ethereum.

Ukwemezwa kwari kwitezwe muri Reta Zunze z’Amerika y’ama ETF rizotuma hinjira imiliyaridi 2,4 z’amadolari aciye mw’ihanahanwa ry’ama ETF mu kiringo c’amezi atatu ya mbere ya 2024. Isoko ishobora kwegeranya 1,7% y’amasoko yose imaze gukura ayo angana n’imiliyaridi 40,4 z’amadolari mu myaka ibiri ya mbere bikora.

Nico kiriko kiravugwa mu nyandiko ya nyuma yavuga iduga rya Ethereum. Birumvikana ko ritazoca imbere Bitcoin risanzwe riri hejuru y’ayandi mafaranga aca mu buhinga bwa none. Ethereum rizoguma ari irya kabiri muri uno mwaka wa 2024 muyakomeye. Ariko ibitegekanijwe vyerekana ko Ethereum izogira ibibazo uno mwaka. Muri urwo rwandiko rwa vuba hazoba itembagara rya Binance hamwe n’iduga ry’amafaranga ya DEX na Marketcap ija kw’isonga.

Ama NFT agiye gushika ku rwego rwo hejuru. Ni ukuvuga ko imirimo ijanye n’imitahe iri mu buhinga bwa none igiye kuja ku rugero rwisununuye, bitewe no kurondera inyungu, akarusho ku mafaranga aca mu buhinga bwa none. Kubera ico, muri iyo imikino yo guhiga uburusho, imitahe mishasha itanzwe ijanye na bitcoin (BTC) hamwe n’ishigwahamwe rya NFT na Ethereum bizotuma birabwa n’abandi. Naho Ethereum risumba ayandi mw’igurishwa ry’ama NFT, icerekana ca mbere ingene ishigwa mw’ikoreshwa ETH-BTC kizoganuka ku rugero 3 rushike kuri 1 kuva mu ntango ya 2024 gushika  uhere.

Inyuma y’agahombo, ivyagenze nabi vy’urubuga rwo guhanahana rwa Binance uno mwaka wa 2023, biribonekeza ko iryo shirahamwe rizogumana ingorane muri uno mwaka kuko bose muri muri iki gisata biteze ko Binance itazosubira kuba kizigenza. Barikubise amande amahanga y’imiliyaridi 4,3 z’amadolari. Kuriha igitigiri c’ayo mafaranga bizotuma haba inkwirikizi muri yo. Turindiriye ko abakeba bayo nka OKX, Bybit, Coinbase bafise amahera abitswe kandi menshi bafata ico kibanza ca mbere bose birukira.

Abahinga benshi bemeza ko isoko ryiyaguye ryo guhanahana (DEX), rituma iryo hanahanwa riva muyaca mu buhinga bwa none aja mu manoti bigeye kuduga cane gushika hejuru. Mugabo hari igituma. Solana itegerezwa gusumbiriza gukora neza mu guhanahana ku rubuga. Ku mafaranga azokoreshwa, kwemera ko n’ayatari ku ma konte ko akoreshwa mu kuriha, bizokwega abagwizatunga mu gushima gukoresha ihanahanwa ryo ku rubuga n’ayo bibikiye.

Ku ruhande rwabo, abandi bahinga biyumvira ko ihagarikwa ry’igaburwa na kabiri rya bitcoin, biri kumwe n’isubirahasi rya BTC na ETH vyoshobora kuduza isoko ry’ihanahanwa ryiyaguye DEX. Iduga ryihuta ry’urutonde rw’imitahe rishobora gukwega itogwa ryo gutangura kudandaza hakoreshejwe ama DEX ari kumwe n’ayaca mu buhinga ngurukana bumenyi.

Hariho kandi n’irindi terambere rigiye kuza. Igisata c’ayaca muri ngurukana bumenyi,muri 2024, kigiye iterambere rikomeye rigana kuduza hejuru cane umwimbu wa bitcoin. Izindi mbono nshasha ziratanguye kandi kwibonekeza. Kuko guhanahana amafaranga hamwe n’amasezerano aciye ku rubuga rwa blockchain bigeye kuduga canecane mu masoko ariko araduga, araja ahabona mu mafaranga ngurukana bumenyi. Uburyo bwo kuronka agahembo canke akarusho ka bitcoin kazogira intambwe nini baravye agaciro kw’ihanahanwa hamwe n’impinduka nka Ambross n’inyishu kuvyo itunze vyose biri hamwe.

Uyu mwaka ugiye gutangura uzokwerekana ibintu bikomeye ku nkino zikorwa ku rubuga blockchain, n’integuro ishobora kurenga umuliyoni w’abawukoresha ku musi. Iryo duga ry’ubutunzi rizoba rihagaze ku bagwizatunga ba mbere nka IMX bari ku rugero AAA.

Ni muri iyo ntumbero nyene, abahinga barindiriye akarusho,inguvu zikomeye za Solana. Ukwo kumenyekana ka Solana kwatumye ija mu mbunga zitatu zikomeye mu gukoresha imitahe, kuva kuri TVL n’abakoresha imitahe. Nuko Pyth, ikimenyetso ca Solana ishobora kurenga urubuga rwa chainlink  kubera ivyo yagiye irahindagura vyiza.

Ariko ku amashirahamwe y’inyubako zigaragara, ziboneka (DePin) birashobora kwiyerekana, gukwiragira muri uno mwaka wa 2024. Abari muri vyo canke ababikora nka Hivemapper na Helium biza birabiburizamwo. Ishirahamwe ryisanzuye (DeFi) rigiye kuja imbere cane. Ako gace k’amafaranga aca mu buhinga bwa none kagiye gushiramwo KYC. Umusaruro urindiriwe ni iduzwa rishobora kuba ry’agaciro kayazokwinjira mashasha ya Uniswap mu nyuma y’amatora ya DAO nk’inkingi y’ihinduka ry’amafaranga y’amasezerano.

Iyo mbono idusaba ko twofata umwaka wa 2024 witezwemwo ingorane nyinshi muri iki gisata c’amafaranga aca mu buryo bwa none.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.